Imvura irimwo igihuhusi yahekuye akarere ka Somaliland

Ico gihuhusi cibasiye uduce tw'inkengera z'igihugu ca Somalia Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ico gihuhusi cibasiye uduce tw'inkengera z'igihugu ca Somalia

Imvura irimwo n'igihuhusi bise Sagar yahitanye abantu 31 ku nkengera y'intara ya Somaliland, nkuko ikigo citaho impunzi Norwegian Refugee Council (NRC) cavuze.

Bivugwa ko ico gihuhusi cibasiye akarere ka Afrika yo mw'ihembe mu mpera z'indwi iheze, aho cashitse no mu gihugu ca Djibouti.

Iyo mvura y'igihuhusi yaguye mu karere kari kamaze imyaka myinshi kataronka imvura.

Yaguye kw'isi itarikigira icatsi na kimwe, bituma itera imyuzure mu duce twinshi.

Ikigo NRC cavuze ko abantu baharugwa mu bihumbi bo mu ntara ya Awdal ya Somaliland bahunze kubera iyo myuzure.

Hari n'amakuru avuga ko amwe mu mato y'abarovyi yatwawe n'amazi yarafise umurindi ukomeye.

Amashirahamwe y'abagiraneza ntiyashoboye kugarukira ku bagize ivyago no ku bakuwe mu vyabo n'imvura, bitewe nuko amabarabara atameze neza.

Umuryango mpuzamakungu Onu hamwe n'ubutegetsi bwa Somalia basaba imfashanyo y'imiliyoni 80 z'amadolari, yotuma bahangana n'ikibazo c'imyuzure kimaze indwi muri Somalia.

Ibindi bisa n’ibi