Arsenal yaronse umumenyereza mushasha, Unai Emery

Unai Emery yahora ari umumenyereza wa Paris St Germain (PSG) yashikanye ku ntsinzi y'igikombe ca Ligue 1 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Unai Emery yahora ari umumenyereza wa Paris St Germain (PSG) yashikanye ku ntsinzi y'igikombe ca Ligue 1

Unai Emery yahurijweko na bose niwe yatowe ngo abe umumenyereza mushasha wa Arsenal, niko umuyobozi nshingwabikorwa Ivan Gazidis yavuze.

Emery afise imyaka 46 yiyunze n'aba Gunners avuye ahejeje gushikana umugwi wo mu Bufaransa PSG ku ntsinzi mw'ihiganwa rya Ligue 1.

Uwo mugabo aturuka mu gihugu ca Espagne yaratsinze n'ibindi bikombe bine vy'amahiganwa yo mu gihugu hagati, imbere yaho akaba yafashije umugwi wa Séville gutsinda incuro zitatu zikurikiranya ihiganwa rya Europa League.

Aubiriye Arsene Wenger yaramaze imyaka 22 amenyereza Arsenal.

"Unai yagiye aragira amahirwe mu mwuga wiwe, yarateje imbere abakinyi ubona ko bafise impano i Buraya kandi agakinisha urukino ruryoshe, ruja imbere ubona ko bijanye koko na Arsenal," niko Gazidis yavuze.

"Ukuntu yitanga cane kandi akunda umupira hamwe n'agaciro ubona ko ashira imbere mu rukino haba ku kibuga canke inyuma y'ikibuga, vyatumye dusanga ariwe muntu dukwiye gufata ngo tubandanya hamwe."

Ibindi bisa n’ibi