Ivyavuye mu matora biramenyekana uyu musi mu Burundi

Prezida Pierre Nkurunziza ariko aratora
Image caption Prezida Pierre Nkurunziza ariko aratora

Akanama kajejwe gutegura amatora mu Burundi kavuga ko kaza gutangaza ivyayavuyemwo kuri uyu wa mbere.

Ariko umukuru w'urunanii rw'abigenga rutavuga rumwe na reta, Amizero y'abarundi, umushingamateka Agathon Rwasa, avuga ko ataza kwemera ivyavuye muri ayo matora, avuga ko ayo matora yaranzwemwo ubusuma hamwe n'iterabwoba.

Rwasa asaba akanama kajejwe gutegura amatora kuyafuta hanyuma hahamagazwe ayandi.

Ibiharuro vyagiye biragaragara vyerekana ko "ego" ari yo iza imbere mu turere twinshi.

Mu gihe iryo bwirizwa shingiro ryokwemezwa, rizoha uburenganzira prezida Pierre Nkurunziza kuguma ku butegetsi gushika mu 2034.

Amatora ya kamarampaka kw'ibwirizwa shingiro ry'u Burundi, mu masanamu

Ni ibiki bikuru bizohinduka mw'ibwiriza shingiro ry'u Burundi?

Mw'ikete Rwasa Agathon yashikirije akanama kajejwe gutegura amatora, we n'abo bari kumwe mu runani Amizero y'abarundi, bavuga ko ayo matora ataranzwemwo umwidegemvyo n'umuco.

Image caption Agathon Rwasa umukuru w'urunani Amizero y'abarundi avuga ko amatora ataranzwemwo umwidegemvyo n'umuco.

Avugana na BBC kuri telefone, uwo mukuru w'abatavuga rumwe na reta avuga ko abamushigikiye batee ubwoba kuva hatangura imyiyamamazo gushika ku musi w'amatora.

Agathon Rwasa avuga ko atiteguye kwemera ivyavuye mu matora biza kumenyekana kuri uyu wa mbere.

Mu kiganiro n'ikinyamakuru cegereye reta, Ikiriho, icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu Gaston Sindimwo avuga ko ivyo avuga ari ububeshi. Sindimwo avuga ko vyoba vyiza Rwasa n'abo bari kumwe begeranije ivyemeza bakabishikiriza ubutungane.

Mu Burundi hatsinze "ego" canke "oya"? Bimenyekana uno munsi.

N'imbere y'uko Agathon Rwasa amenyesha ko atazemera ibizoba vyavuye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro rishasha, umuvugizi w'akanama kajejwe gutegura amatora CENI, yamiriye kure abatavuga rumwe na reta bavuga ko habayemwo amanyanga.

Image caption Abantu benshi baritavye amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingirpo rishasha

Ntahotrwamiye avuga "Ni utunenge duto duto twagiye turibonekeza. Kandi n'ibintu bitotuma amatora yose asubirwamwo. Nta muserukizi w'umugambwe n'umwe yigeze yirukanwa ku tuzu tw'itora. Abaserukiye imigambwe barashize umukono ku vyegeranyo vy'uko amatora yagenze. Kuri ivyo rero novuga ko habaye utunenge duto duto, ariko igikorwa co gutora cagenze neza".

Ikinyamakuru cegereye reta, Ikiriho, kiza caramaze gutangaza ko "ego" yatsinze ku majwi yababa ibice 74 kw'ijana.

Ibindi bisa n’ibi