Urucanco rwa Ebola rwatanguye gutangwa muri RD Congo

Iyi n'incuro y'umunani izwi Ebola itera muri Congo, bwa mbere hakaba hari mu 1976 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Iyi n'incuro y'umunani izwi Ebola itera muri Congo, bwa mbere hakaba hari mu 1976

Ishami rya Onu rijejwe amagara y'abantu kw'isi OMS, na Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo kuri uyu wa mbere batanguye umugambi wo kugerageza urucanco ku ngwara ya Ebola kugira babze ko iyo ngwara ikwiragira hose.

OMS rimaze kumenya abantu barenga 500 bashobora kuba baregeranye n'abantu bafashwe n'iyo ngwara ya Ebola muri Congo.

Bashobora kuba mu bantu ba mbere uyu musi baza guhabwa urwo rucanco ruriko rurageragezwa.

Igice ca mbere c'urwo rucanco cashikanywe mu gihugu ca Congo ku musi wa gatatu.

Iyo ngwara imaze kwaduka incuro zitatu zose muri Congo kuva mu 2014-2016 muri Afrika y'uburengero.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ingwara ya Ebola yahitanye abantu 11,000 muri Liberia, Sierra Leone na Guinee, hagati y'imyaka ya 2014-2015.

Ibimenyetso vy'ingwara ya Ebola

  • Ibimenyetso vya Ebola ni umuriro, kuva amaraso imbere
  • Umuntu ashobora gupfa ku bice 90 kw'ijana- ariko Ebola y'ubu ishobora kwica ku bice 55%
  • Iyo ngwara ifata imisi 21 kugira igaragare.
  • Nta muti canke urucanco
  • Imfashanyo yo kubuza ko umugwayi atakaza amazi menshi kubera gucibwamwo canke kuyorwa birafasha mu kuvura.
  • Vyibazwa ko uduhungarema ari two twandukiza iyo ngwara.

Ico urucanco rwa Ebola rufasha

Ubushakashatsi bwakozwe kuri urwo rucanco rwa Ebola mu mwaka uheze, bwerekanye ko rushobora gukingira umuntu umugera w'iyo ngwara mu kiringo c'umwaka.

Ubwo bushakashatsi bwashizwe mu kinyamakuru ca New England Journal of Medicine, bwakorewe mu gihugu ca Liberia ku bagwayi bashika 1.500

Abahawe urwo rucanco barashoboye gukingirwa iyo ngwara mu kiringo cababa umwaka umwe.

Ingwara ya Ebola muri RD Congo 'ntirakwiragira hose'

Ubwo bushakashatsi bwerekana ko iryo geragezwa rishobora gufasha mu kurokora ubuzima bw'abantu mu gihe Ebola izoba iteye mu misi iri imbere.

Ingwara ya Ebola yahitanye abantu barenga 11.000 mu bihugu vya Liberia, Sierra Leone na Guinee, igihe yaterayo hagati y'imyaka ya 2014-2015.