Maduro yatsinze amatora ya prezida muri Venezuela

Nicolás Maduro na Cilia Flores Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Nicolás Maduro mu munezero wo kwigina intsinzi yiwe ari kumwe n'umupfasoni wiwe Cilia Flores

Prezida wa Venezuela, Nicolas Maduro yatsinze ayo matora atitabiriwe n'umugambwe utavuga rumwe na reta, akaba agiye kurongora ico gihugu mu kiringo ciwe kigira kabiri.

Kubera ibura ry'ibifungurwa riterwa n'ubutunzi bwifashe nabi, ibice 46 kw'ijana gusa ni bo bitabiriye ayo matora.

Uwutavuga rumwe na reta akomeye cane Henri Falcon yiyamirije ivyavuye muri ayo matora akirangira.

"Ntitwemera ko aya matora yari akurikije amategeko..ni ngombwa ko haba ayandi matora mu gihugu ca Venezuela", ni ko yavuze.

Umushikirizamanza mukuru wa venezuela yakuwe

Onu isaba Venezuela kugabanya inguvu ihangana n'abayiyamiriza

Ku bice birenga 90 kw'ijana vy'amajwi yaharuwe, Maduro yaronse ibice 67.7 kw'ijana mu majwi imiliyoni 5.8- ni ko umukuru w'akanama k'igihugu kajejwe amatora Tibisay Lucena yatangaje.

Falcon yaronse ibice 21.2 kw'ijana- ku majwi umuliyoni 1.8.

Ivyavuye mu matora vyakiriwe gute?

"Baransuzuguye jewe," aho Maduro yariko arashikiriza ijambo abayoboke biwe imbere y'inyubakwa ya prezida i Caracas, aho haciye hashirwa mu kirere impapuro zifise irangi ritandukanye.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abakunzi ba Maduro mu munezero wo kwigina intsinzi i Caracas

Falcon yavuze ko amajwi yibwe kugira ahabwe Maduro, hakoreshejwe gukoresha nabi ikarata zikoreshwa mu gutanga imfungurwa.

Abategetsi bavuga ko ayo matora " yabaye mu mahoro no mu mwidegemvyo" ariko abatavuga rumwe benshi baranse kuyitaba.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu wa Aerika Donald Trump bivuga ko batemera ivyavuye muri ayo matora.

UE yafatiye ibihano abategetsi bo muri Venezuela

Venezuela: Abagwanya reta babujijwe kuja mu matora ya 2018

Kuri Twitter, imbere y'uko ayo matora atangura, ubutumwa bwa Amerika bugenewe Onu bwavuze ko ayo matora ari "agasuzuguro ka demokrasi."

Ayo matora yotegerejwe kuba mu kwezi kwa cumi na kabiri mu 2018, ariko inama nshingamateka y'ico gihugu igizwe ahanini n'abayoboke ba Maduro, yaciye iyigiza inyuma.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Falcon yari akomeye cane ariko nta buryo yari afise ugereranije n'abo bahiganwa.

Urunani rw'abatavuga rumwe na reta rwa 'Democratic Unity' ruvuga ko ayo matora yabaye kugira bakoreshe akaryo keza muri iki gihe urwo runani rwacanyemwo.

Abashaka kwitoza babiri bakomeye na bo barabankiye kwitoza mu gihe abandi bahunze.

Ibindi bisa n’ibi