Umubirigi yaciriwe urwo gupfa muri Irake kubera iterabwoba

Abu Hamza al Beljiki Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abu Hamza al Beljiki, Umubirigi afise amamuko yo muri Maroke, ahakana ivyaha vy'iterabwoba yagirizwa

Sentare muri Irake yaciriye urubanza rwo gupfa Umubirigi w'umugwani wa ki Islam, yagiriwe n'icaha co kwifatanya n'umugwi wiyita leta ya Islam, canke I S.

Tarik Jadaoun, yihaye izina rya Abu Hamza al-Beljiki, yafatiwe mu muji wa Mosul mu mwaka uheze mu gikorwa co kwirukana I S.

Uwo murwanyi wa ki Islam, afise amamuko yo muri Maroke, yari yabanje kuja muri Syria mu 2014 mu barwanyi b'uwo mugwi.

Yagaragaye muri za video zihayagiza I S, ariko aragabisha ko azogaba ibitero i Buraya.

Ariko we yagumye ahakana ivyaha vy'iterabwoba yagirizwa.

Ibindi bisa n’ibi