Arsenal igiye gukorana n'u Rwanda mu vy'ubukerarugendo

Arsenal igiye kwamamaza ubukerarugendo mu Rwanda Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Arsenal igiye kwamamaza ubukerarugendo mu Rwanda

Umugwi wa Arsenal wo mu Bwongereza wamenyesheje ko ugiye gukorana n'igihugu c'u Rwanda mu gisata c'abakerarugendo, bikaba vyashikirijwe mu gihe Arsenal yagenye umumenyereza wayo mushasha.

Bitegekanijwe ko mu mwaka uza imipira abakinyi ba Arsenal bazokwambara bakina izoba yanditsweko "Visit Rwanda" bivuga biti "Temberera u Rwanda".

Igisata c'abakerarugendo kizoheza kirihe uwo mugwi mu kumenyekanisha imirimo yaco.

Prezida Paul Kagame ni umukunzi w'umugwi Arsenal ariko ntawuzi ko yoba ariwe yatumye ayo masezerano apfundikwa.

Arsenal yashikirije ivy'ayo masezerano ku buryo bwa Twitter:

Uwurongoye igisata c'ubucuruzi mu mugwi Arsenal, Vinai Venkatesham yagize ati:

"N'ugukorana guhimbaye kuzotuma dufasha u Rwanda kwubaka igisata c'abakerarugendo.

"Ico gihugu kiramaze guhinduka muri ino myaka ya vuba, Arsenal izotuma abantu biyumvamwo u Rwanda mu buryo bushasha."

Igihugu c'u Rwanda kimaze igihe kirondera kuzamura igisata c'abakerarugendo, ni igihugu kimwe muri bitatu kw'isi gifise inkoto zo mu misozi.

Ayo masezerano afise ikiringo c'imyaka itatu, abaye mu gihe umugwi Arsenal waronse umumenyereza mushasha Unai Emery, amakuru yamenyeshejwe n'umuyobozi nshingwabikogwa Ivan Gazidis.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida Paul Kagame ni umukunzi w'umugwi Arsenal

Emery afise imyaka 46, yiyunze n'aba Gunners avuye ahejeje gushikana umugwi wo mu Bufaransa PSG ku ntsinzi mw'ihiganwa rya Ligue 1.

Uwo mugabo aturuka mu gihugu ca Espagne yaratsinze n'ibindi bikombe bine vy'amahiganwa yo mu gihugu hagati, imbere yaho akaba yafashije umugwi wa Séville gutsinda incuro zitatu zikurikiranya ihiganwa rya Europa League.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Unai Emery yahora ari umumenyereza wa Paris St Germain (PSG) yashikanye ku ntsinzi y'igikombe ca Ligue 1

Asubiriye Arsene Wenger yaramaze imyaka 22 amenyereza Arsenal.

"Unai yagiye aragira amahirwe mu mwuga wiwe, yarateje imbere abakinyi ubona ko bafise impano i Buraya kandi agakinisha urukino ruryoshe, ruja imbere ubona ko bijanye koko na Arsenal," niko Gazidis yavuze.

"Ukuntu yitanga cane kandi akunda umupira hamwe n'agaciro ubona ko ashira imbere mu rukino haba ku kibuga canke inyuma y'ikibuga, vyatumye dusanga ariwe muntu dukwiye gufata ngo tubandanya hamwe."