Umutanzaniyakazi Joyce Msuya yagenywe mu burongozi bw'igisata c'ibidukikije muri Onu

Madamu Msuya yahora akora mw'ibanki y'isi yose Uwufise ububasha kw’isanamu HISANI/UN
Image caption Madamu Msuya yahora akora mw'ibanki y'isi yose

Umunyamabanga mukuru wa Onu Antonio Guterres yagenye umutanzaniyakazi Joyce Msuya mu mabanga y'icegera c'umuyobozi nshingwabikorwa w'igisata c'ibidukikije "Programme des Nations Unies pour l'environnement" (PNUE)

António Guterres yatangaje ko iruhande y'ayo mabanga, Madamu Msuya agiye kuba n'umufasha w'umunyamabanga mukuru i Nairobi muri Kenya.

Aje gusubirira Ibrahim Thiaw aturuka muri Mauritania, yashimiwe n'umunyamabanga mukuru ku kungene yayoboye ico gisata, n'ukuntu yitanga.

Madamu Msuya yari umuhanuzi w'icegera c'uwurongoye ibanki y'isi mu karere ka Asia yo mu buseruko n'akarere ka Pacifique mu gisagara ca Washington.

Arubatse akagira abana babiri.