OMS ivuga ko Ebola ishobora gutandukira utundi duce twa Congo

Ebola iherutse kwaduka imaze guhitana abantu 30 muri RD Congo Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ebola iherutse kwaduka imaze guhitana abantu 30 muri RD Congo

Ishami ryitaho amagara y'abantu -OMS- mw'ishirahamwe mpuza makungu riragabisha ko ikiza ca Ebola kiri muri Repubulika iharanira Demokarasi ya Congo gishobora gutandukira utundi turere.

"Tugeze aho indwara yitwa ikiza," niko Peter Salama, ajejwe gutabara muri OMS yavuze, mu nama yabereye i Geneva.

"Indwi nke zigiye gukurikira zizotwereka ko ikiza gishobora gutandukira ibisagara canke ko tuzobandanya tukigenzura," niko yabandanije avuga.

OMS ivuga ko abantu 58 aribo banduye Ebola kuva aho ico kiza cadukiye itariki 8 ukwezi kwa gatanu. Iryo shami ry'ishirahamwe mpuza makungu ryongera ko, abantu 27 aribo bamaze gupfa.

Abihebuye bihenda ko amasengesho ashobora gukiza Ebola?

Inkuru yamenyeshejwe na Reuters imenyesha ko, kur'uyu wa mbere ku mugoroba w'ijoro, hari abagize imiryango y'abarwayi bamwe bamwe bashitse kw'ivuriro ry'i Mbandaka, basaba abo barwayi bavuga ko bagiye kubasengera.

Niko babatwaye, babunguruza ku ma pikipiki. Bo basigura ko batari bagishaka ko abarwayi babo baguma ari bonyene, aho atawubashikira.

I gi polisi carabimenyeshejwe, kinemeza ko caciye gitangura amatohoza. Henri Gray, arongoye MSF i Mbandaka, yamenyesheje ko babiri mur'abo barwayi baza bamaze kw'itaba Imana. Uwa gatatu nawe yasubijwe kwa muganga.

Abari mu miryango yabo bariko barakurikiranwa n'ubuvuzi ngo barabe ko ata bimenyetso vy'umugera wa Ebola boba bamaze kugira. Ingorane nk'iyi ije yiyongera mu zindi ngorane abaganga basanganywe yo gutuza iyo ndwara.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ebola yageze mu gisagara ca Mbandaka

Amerika yo yamenyesheje ko yemeye gutanga imiliyoni $7 yofasha kugwanya ico kiza, amahera yiyongera ku muliyoni $1 watanzwe n'ikigo kijejwe iterambere USAID mu ndwi iheze.