Izi ni indwara zishobora kuzoba akaranda mu bihe biri imbere

Uduhungarema twimanitse mu biti Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Uwu mugera witwa Nipah uterwa, ukanakwiragizwa n'uduhungarema

Inyuma y'umugera wa Ebola warandagase muri Afrika yo hagati, uwu mugera -uzwi kw'izina rya Nipah- niwo uriko uraruka mu bumanuko bw'Ubuhindi. Iyo migera yose iri mu rutonde rw'imigera, ishami -OMS- ry'ishirahamwe mpuzamakungu rishira imbere ko isasika inganda ikanarandagata.

Kuva mu mwaka w' 2015, ishami ry'ishirahamwe mpuza makungu ryitaho amagara y'abantu OMS ryarasohoye urutonde rw'indwara zibwirizwa gushirwa imbere mu vyirwa vyihutirwa.

Zifatwa nk'ingorane zikomeye zihanze igisata c'amagara y'abantu, kubera zifatwa nk'indwara z'akaranda, kandi n'abashakashatsi nta buryo bukwiye bararonka, nk'imiti n'incanco vyofasha kurwanya izo ndwara.

Imigera ya Ebola na Nipah, iheruka gutera mu duce tutari duke twa Afrika hamwe n'Ubuhindi, zirimwo muri urwo rutonde rw'izo ndwara zigera ku munani.

Umugera witwa 'Nipah'

Umugera Nipah utera inka, intama, impene n'ibindi bitungwa nk'ivyo, ukanashika mu bantu, utewe n'ubuhungarema buri mu bwoko bwa "Pteropodidae".

Ibimenyetso nyamukuru ku wafashwe n'iyo ndwara, ni nk'imbeho, kurya kw'uwurwaye inyonko, ukudahwa hamwe no kumeneka umutwe. Ivyo vyiyongera ku kwumva mubwonko umenga umuntu ariko arasha.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption N'imiburiburi, abantu 10 nibo bamaze gupfa bitewe n'uyu mugera Nipah uherutse gutera muri leta ya Kerala iri mu bumanuko bw'Ubuhindi

Nta rucanco ruraboneka, haba ku bantu canke ku bikoko.

Uyu mugera utera urupfu ku rugero rw'abantu 7 kuri 10 bawanduye.

Uyu mugera wiswe Nipah, bivuye kw'izina ry'umuji wo mu gihugu ca Maleziya, usanzwe uri rurangiranwa mu burimyi n'ubworozi witwa Nipah, ariho habonetse ubwa mbere uwo mugera mw'iraro ry'ingurube, mu 1998.

Hafi abantu 300 nibo bamaze kumenyekana kuba bamaze gukorwa ko n'uyo mugera, bawutewe n'ibikoko.

Abantu bashika 100 nibo bamaze kumenyekana ko bamaze guhitanwa n'uwo mugera.

Ibiranga amamuko kama k'uyu mugera n'indwara utera

Umugera wa Nipah uri mu yindi migera, eka mbere n'indwara bisanzwe biterwa n'ubuhungarema.

'Hendra' ni uwundi mugera wabonetse mu gihugu ca Australiya, uri mur'ubwo bwoko nyene.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umugera 'Hendra' uramaze kwica indogobwe hamwe n'abantu muri Australiya

Uwo mugera wamuka, ukanakurira mu bwoko bumwe bw'agahungarema, kandi umuntu canke indogobwe bifashwe, ni gake bikira.

Irandagata ry'uwo mugera ryibonekeje ubwa mbere mu 1994, igihe hari habaye isiganwa ry'indogobwe mu muji wa Hendra, uri mu ntara ya Brisbane.

Kuva ico gihe, indogobwe zirenga 70 zarapfuye, 4 mu bantu 7 bari bafashwe n'uwo mugera nabo baritavye Imana.

Umugera wiswe 'CCHF'

Mu majambo yose, uwo mugera witwa 'Crimean-Congo Haemorrhagic Fever', ugaterwa n'inyondwe kandi ushobora gusasika inganda mu bantu.

Abantu 4 kuri 10 banduye uwo mugera nibo bahasiga ubuzima.

Uyu mugera wibonekeje mu mwaka w'1944, mu nyuma unaboneka muri Kongo. Uwo mugera ntaho udashobora kuba muri Afrika yose, mu bumanuko bw'ibihugu vya Bulaya ahegereye ikiyaga Mediterane, mu bihugu vy'abarabu, eka mbere na Asiya.

Wanduye uwo mugera, indwara igufata bukumbi, ibimenyetso bikaba nko kumeneka umutwe, ugukanya no gucika inkokora kurya kw'uwurwaye inyonko, ukagira ububabare mu mugongo co kimwe no mu ngingo, ukababara mu nda, ukanadahwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ukwamizako mu gusukura iyororero niyo nzira yo kurwanya uwo mugera

Uwo mugera utera abantu uturutse ku nyondwe na cane cane, iyo uruhongore zinyegeza mwo rusanzwe rwaranduye.

Kwandukizanya umuntu ku muntu birashobora gushika mugihe amaraso n'ibindi bitemba biva mu muntu - amate, amosozi, ...- vy'umurwayi vyinjiye mu ruhu rw'uwundi muntu.

No kur'uyu mugera, nta rucanco ruraboneka haba ku bikoko canke ku bantu.

Umugera wa 'Ebola'

Umugera wa Ebola uzwi ko uturuka ku duhungarema, wabonetse ubwa mbere mu mwaka w' 1976 hafi y'uruzi rwitwa Ebola, muri leta iharanira demokarasi ya Kongo.

Uwo mugera wandukira abantu utewe n'ibikoko biba mu gahinga. Hanyuma biranashoboka ko ushobora kwandukira uva ku murwayi uja ku wundi muntu.

Abantu bandura iyo habaye gukozanya ko uruhu rukomeretse. Umugera uranaca mu kanwa ndetse no mu mazuru, mu maraso, mu biyorwa, mu mazirantoke, canke amasobe ndetse no mu ntanga -z'abagabo -.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Igihe Ebola yatera mu 2014, abaketswe ko batewe n'umugera bashizwe aho abandi badashika, akarorero n'uyu muryango wo muri Liberiya

Ufatiye ku rugero iyi ndwara yica, ni ukuvuga umuntu 1 kuri 2 bafashwe n'uwo mugera, Ebola ni indwara iteye ubwoba, twibutse ko yanahitanye abantu 11,000 igihe yatera, hagati ya 2014 na 2016, muri Afrika y'uburengero honyene.

Iyo uyu mugera ufashe umuntu, afatwa bukumbi n'imbeho ivanze n'uburuhe, umuntu agacibwa mwo bidasanzwe harimwo n'amaraso, umubiri ugahinduka kubera n'igitigu kibangamirwa.

Mu bihe bimwe bimwe, umuntu aravirirana, amaraso agashobora guca mu maso, mu matwi, mu mazuru canke mu kanwa.

Umugera witwa 'Marburg'

Uwu mugera witwa Marburg ufatwa nka 'muvyara' wa Ebola.

Uwo mugera urandaranda mu bantu, igihe ukozwe ko n'ibiva mu mubiri w'uwurwaye.

Kurya kwa Ebola, vyikekwa ko ubuhungarema aribwo uwo mugera uvukiramwo, ukibika imbere y'uko urandagata.

Uwo mugera wica ku rugero ruri hagati y'abantu 3 na 8 kuri 10 bafashwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abantu barenga 200 barapfuye bahitanywe n'indwara iterwa n'umugera Marburg igihe yatera muri Angola mu 2005

Ku ngero zikaze, umuntu apfa kenshi na kenshi haheze hagati y'iminsi 8 na 9 inyuma y'uko ibimenyetso vy'indwara vyigaragaje, muri rusangi urupfu rukurikira ibihe vyo kuva amaraso bidasanzwe.

Marburg ni izina ry'umuji wo mu Budagi, aho uwo mugera wagaragaye ubwa mbere, mu 1967 igihe uyo mugera watera uturere dutandukanye harimwo n'umuji wa Frankfort ndetse na Belgrade -umurwa mukuru wa Serbiya-.

Umugera 'SARS' - mu gifaransa bawita 'SRAS'-

Uyu mugera utera amahaha, umurwayi akagira ibibazo vyo guhema.

Inca bwenge z'abashakashatsi bibaza ko uwo mugera woba waturutse ku bikoko vyo mu bwoko bw'ubuyabu canke injangwa, bwo mw'ishamba bwitwa 'Civet cat'.

Ubwo bwoko bw'ubuyabu bufise umunwa usongoye, burangwa cane cane mu Bushinwa.

Bibaza ko n'uduhungarema dufise uruhara mw'irwirirana ry'uwo mugera.

Gushika ubu hamaze kuba igitero c'uwo mugera kabiri, mu 2002 no mu 2004.

Abantu 8,098 nibo bamenyekanye kuba barafashwe n'uwo mugera SARS, abashika 774 barapfuye, nk'uko urwego rw'Ubwongereza rujejwe amagara y'abantu rubimenyesha.

Ibi bivuga ko uyu mugera utera amahaha, wica hafi umuntu 1 kuri 10 baba bafashwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Mu ntango y'ukwa kane mu 2003, akarere ka Hong Kong karatekewe n'ubwoba buvuye kur'uwo mugera wa SARS

Umugera urandagata uciye mu muyaga, kandi ugashobora kwandukira iyo hari utu ma tuvuye ku mate mugihe umurwayi akoroye, canke iyo umurwayi yasamuye, naho atari co kimwe n'ibicurane bisanzwe.

Kuva mu 2004, uwo mugera SARS ntaho urasubira kuvurwa mw'isi.

Umugera 'MERS'

Uyu mugera wegereye uwa 'SARS' watowe ubwa mbere mu gihugu ca Arabiya Sawudite mu 2012, mu karere k'ibihugu vy'abarabu -Middle East, mu rurimi rw'icongereza-, ahavuye iri zina ryawo -MERS-.

Abantu begereye 4 kuri 10 kubafashwe n'uwo mugera MERS barapfuye.

Uwu mugera MERS uboneka ko uteye ubwoba kuko ugandagura abantu benshi kuruta SARS. Ariko wowo ukavurwa ko utandukira ku rugero rwa SARS.

Ukwandukizanya bishoboka iyo hari imigenderanire ikomeye, nk'iyo urwaje uwanduye iyo ndwara, utikingiye.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umugera MERS unitwa "inyonko y'indogobwe" yo mur'ubu bwoko (kw'ifoto)

Abashakashatsi bemeza ko ibi bitwaza hinyegezwa mwo umugera MERS, naho uburyo abantu baheza bakawandurira mwo butaramenyekana.

Abanye Arabiya Sawudite bashika 8 kuri 10 bapimwe, bemezwa ko vyagaragaye ko uyu mugera wabakozeko, mu gihugu.

Inyonko ya 'Rift Valley' -RVF-

Uwu mugera uterwa n'imibu, canke isazi zinunuza amaraso, zimeze nk'ibibugu. Uyu mugera -RVF- utera cane cane inka, hamwe n'ibindi bitungwa nk'impene n'intama.

Ariko, uwo mugera urashobora no gutera abantu, ukagaragara nk'inyonko yica, bivuye ko imitsi n'izindi ngingo vy'umubiri bita ubushobozi bwavyo.

Bikunze kumenyekana ko abantu benshi bandura mu gufungura inyama canke mu kunywa amata adatetse neza, vy'ibikoko vyanduye.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umugera RVF utera ibikoko uturutse ku mibu, hanyuma abantu bagashikirwa

Uwo mugera wagaragaye ubwa mbere mu karere ka Rift Valley kari muri Kenya, mu mwaka wa 1931.

Umugera 'Zika'

Umugera 'Zika' utera abantu cane cane bivuye kukuribwa n'imibu ifise uwo mugera, ariko abantu baranandukizanya iyo bahuza ibitsina.

Ibimenyetso nyamukuru bigizwe no gukanya, umubiri ugahinduka, maze ukababara mu mitsi, hakajamwo no kumeneka umutwe.

Ariko abashakashatsi bemeza ko ingaruka z'uwo mugera zoba nk'ibitigiri vyiyongera vy'abana bavuka bafise umutwe udakwije ibipimo, indwara ishirwa mu murwi wa 'microcephaly'.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abakenyezi bibungenze barahanurwa cane kutagendera mu turere tuvurwa mwo umugera Zika

Ishami ry'ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y'abantu ryemeza ko umugera Zika ushobora gutera iyindi ndwara itamenyerewe yitiriwe 'Guillain-Barre', indwara izingamika imitsi, abantu bakanandurira mwo ubumuga, iyo bakuze.

Uyu mugera wabonetse ubwa mbere mw'ishamba rya Zika -mu Buganda- mu 1947, nta rucanco rwawo ruraboneka.

Inyonko 'Lassa'

Amasobe, be n'amazirantoke y'imbeba zanduye uwo mugera 'Lassa' nivyo vyanduza abantu.

Abantu baranandukizanya biciye mu masobe, amazirantoke, amaraso, n'ibindi, nk'imyanda iva mu mubiri w'umuntu yanduye uwo mugera Lassa.

Muri rusangi, urupfu rukurikira inyuma y'iminsi 14 kuva umuntu afashwe n'uwo mugera, ibigaragarira mw'itituka ry'ingingo zimwe zimwe nk'imitsi itwara amaraso vy'umuntu.

Muri rusangi, iyi ndwara yica abantu ku rugero rw'umuntu 1 kuri 10 banduye.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Imbeba nizo zambere zagirizwa gukwiragiza umugera wa Lassa

Abenshi mu bandura uwo mugera Lassa bibona ko ibimenyetso nk'imbeho, ukumeneka umutwe hamwe n'ukutagira inguvu, muri rusangi.

Igihe iyo ndwara iheruka gutera mu gihugu ca Nigeriya mu kwezi kwa gatatu 2018, hafi abantu 90 barapfuye. Vyamenyekanye ko abantu 2 kuri 10 bari banduye, bapfuye.

Iyi ndwara yibonekeje ubwa mbere mu muji wa Lassa uri mu gihugu ca Nigeriya, mu 1969.

Indwara 'X'

Ishami ry'ishirahamwe mpuza makungu ryitaho amagara y'abantu -OMS- ryafashe ingingo yo kwita izina ''Indwara X'' iyindi migera yose ishira ku rutonde rw'indwara canke imigera ikeneye ubushakashatsi, inateye ubwoba n'amakenga.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ukwipimisha hakiri kare niryo tanguriro ryo kurwanya indwara zirandaranda nk'ibiza

Iryo shami rya ONU rivuga ko, izina "Indwara X rifise intumbero yo guserukira ibimaze kumenyekana ku migera itera indwara z'akaranda mw'isi, imigera ahanini itaramenyekana neza kandi ibangamiye abantu".

Abahinga ba OMS batubwira ko twitegurira guhangana n'ivyo biza, iyo migera ishobora kwiyongera hamwe na hamwe mw'isi.

Izina "Indwara X" turyitirira indwara n'imigera bitaramenyekana.