Prezida Paul Kagame ari mu rugendo mu Bufaransa

Prezida Kageme ku kirimba ca Elysee Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Nta tangazo ritanzwe ku mugaragaro rirasohoka ku bijanye n'ivyazinduye Prezida Kagame mu Bufaransa

Umukuru w'igihugu c'u Rwanda Paul Kagame ari mu rugendo rw'iminsi ibiri mu Bufaransa, amakuru aturuka mu binyamakuru vy'ico gihugu akavuga ko yoba agiye kuvugana na mugenziwe Emmanuel Macron ku migenderanire y'ivyo bihugu no kuri Afrika.

Nta tangazo ritanzwe ku mugaragaro rirasohoka ku bijanye n'ivyazinduye Prezida Kagame mu Bufaransa, igihugu yaherukamwo mu 2011.

Amakuru aturuka mu binyamakuru vy'Ubufaransa avuga ko umukuru w'igihugu c'u Rwanda yabonanye ubwa mbere n'abari mu nama y'ubuhinga bwa "numérique" barimwo umukuru wa Facebook Mark Zuckerberg, munyuma aja guhura na Prezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron.

U Rwanda ngo ntirwari guhara muri ivyo bikorwa, na burya ruri mu bihugu vyo muri Afrika bigerageza kujana n'ubuhinga bwa none.

Mu makuru yatanzwe n'itororokanirizo ry'amakuru RFI, bivugwa ko Prezida Paul Kagame yoba agiye kuvugana na Prezida Macron ku bibazo bibiri, ikibazo cerekeye umuryango w'ubumwe bwa Afrika arongoye muri kino gihe, hamwe no ku vyerekeye ishirahamwe ry'ibihugu bivuga ururimi rw'igifaransa "Organisation internationale de la Francophonie" (OIF).

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Prezida w'u Rwanda, Paul Kagame (i bubamfu) na Prezida w'Ubufaransa, Emmenuel Macron (i buryo) bavuganye n'abanyamakuru

Ku kibazo ca mbere Prezida Kagame ngo yoba yipfuza kuganira na Macron ku mugambi afise wo kunagura umuryango w'ubumwe bwa Afrika na cane cane ku buryo hoja haraboneka amahera akoreshwa mu gisata c'inteko zifashe gucungera umutekano kw'isi.

Ubwa kabiri umukuru w'igihugu c'u Rwanda yoba agiye gusaba Ubufaransa ngo bushigikire umushikiranganji w'imigenderanire y'u Rwanda n'amakungu Louise Mushikiwabo, ategekanya kwitoza mu kibanza c'uburongozi bwa OIF.

Imigenderanire y'Ubufaransa n'u Rwanda ntiyifashe neza, U Rwanda rukagiriza ico gihugu kuba caragize uruhara muri jenoside yabaye mu 1994.

Runo rugendo ngo rushobora kuba n'akaryo ko kugerageza gusubiza hamwe.

Ibindi bisa n’ibi