U Rwanda n'Ubufaransa bemeranije gukorana no gushigikirana

Prezida Macron yavuze ko gutorera inyishu "ibibazo bigoye vya kahise...bishobora gufata igihe Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Prezida Macron yavuze ko gutorera inyishu "ibibazo bigoye vya kahise...bishobora gufata igihe

Umukuru w'igihugu c'Ubufaransa Emmanuel Macron yavuze ko azoshigikira umushikiranganji w'imigenderanire y'u Rwanda n'amakungu Louise Mushikiwabo arondera kurongora ishirahamwe ry'ibihugu bivuga ururimi rw'igifaransa OIF.

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ari kumwe na mugenziwe w'u Rwanda, Paul Kagame, bwana Macron yagize ati: "Umushikiranganji w'imigenderanire y'u Rwanda n'amakungu afise ibisabwa vyose vyotuma aja muri ayo mabanga. Nzomushigikira."

Yavuze kandi ko yiyemeje gukomeza imigenderanire n'u Rwanda, ashimira Kagame yemera ko hari vyinshi bokorana.

Prezida Kagame nawe yavuze ati: "Twizeye kuguma dukorana, haba ku rwego rw'ibihugu vyacu bibiri canke ku mugabane wa Afrika."

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Prezida Kagame yaheruka mu Bufaransa mu 2011

Imigenderanire y'ivyo bihugu ukwo ari bibiri ntiyifashe neza mu gihe u Rwanda rwagiriza Ubufaransa kugira uruhara muri jenoside yo mu 1994, ariko Ubufaransa bukabihakana.

Ubutungane bw'Ubufaransa nabwo bwagirize bamwe mu ntwazangabo zikorana vya hafi na Prezida Kageme, kugira uruhara mw'iraswa ry'indege ya Prizuda Habyarimana, ikintu bivugwa ko catumye jenoside itangura.

Abantu barenga 800.000 bagizwe ahanini n'Abatutsi baraguye muri ubwo bwicanyi.

Iyo nama yabaye ku munsi wa gatatu, ibaye iya gatatu hagati ya bwana Kagame na bwana Macron uno mwaka.