Umubonano hagati ya Amerika na Koreya ya ruguru ntukibaye

Trump na Kim bategerezwa kubonanira i Singapore mu kwezi kuza Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Trump na Kim bategerezwa kubonanira i Singapore mu kwezi kuza

Umukuru w'igihugu wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yasibije inama yo mu kwezi kuza i Singapore yagomba kumuhuza n'umurongozi wa Koreya ya ruguru.

Yavuze ko vyoba bitabereye bitewe n'ico yise ishavu ry'ikirenga hamwe n'ugushamirana kwerekanywe na Kim Jong-un mu nyandiko aheruka gusohora.

Mw'ikete yandikiye bwana Kim, Prezida Trump yavuze ko gusivya iyo nama ari ku neza y'impande zombi, ngo ariko ni ku gihombo c'isi.

Ariko uko bimeze kwose, yerekanye ko umuryango ucuguruye ku mubonano woba ikindi gihe.

Icizere cariho...

Hari abari bizeye ko uwo mubonano wobaye intango nziza y'umubano, wotumye Koreya ya ruguru ica iheba ibirwanisho ruhonyanganda.

Iyo nama yasibijwe haciye amasaha make Koreya ya ruguru ivuze ko yasambuye ikibanza gikuru caberamwo igerageza ry'ivyo birwanisho.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Trump avuga ko guhagarika inama biri mu nyungu za Korea ya ruguru na Amerika, ariko ngo ni igihombo kw'isi

Imihora amajana atatu mu kibanza ca Punggye-ri yaturikijwe mu muhango warorerewe n'abanyamakuru batoranijwe, ariko nta bahinga bari batumiwe ngo nabo barabe.

Nyuma yaho, Koreya y'epfo yavuze ko ari intambwe ya mbere iboneye mu ntumbero yo guheba ibirwanisho ruhonyanganda, ariko ivyo vyabaye imbere yuko Prezida Trump atangaza ko ahagaritse umubonano na Kim Jong-un.