Inama y'ishirahamwe COMESA izobera Bujumbura canke Lusaka?

Abakuru bitavya inama ya COMESA mu 2014 i Kinshasa Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption U Burundi buvuga ko bukibandanya imyiteguro y'inama ya COMESA

Hari igipfungu ku nama ya COMESA yari itegekanijwe kubera i Bujumbura mu Burundi kuva kw'igenekerezo rya mbere gushika ku rya 10 z'ukwa gatandatu uyu mwaka.

Ku rubuga ngurukanabumenyi rw'umuryango wa COMESA hariko itangazo rivuga ko inama yimuriwe mu kwezi kw'indwi kandi ikazobera Lusaka muri Zambia, ku cicaro c'uwo muryango.

Ariko reta y'u Burundi ivuga ko itarabimenyeshwa mbere n'imyiteguro i Bujumbura ikaba yagumye ibandanya ukuri kwamye.

Kugeza iyi saha biragoye kumenya ingene ivy'iyo nama y'umuryango wa COMESA itegekanijwe kubera i Bujumbura bizogenda.

Igipfungu gifatiye ahanini ku makete abategetsi b'u Burundi n'aba COMESA bagenda bandika.

Kuwa 18 z'uwa gatanu uyu mwaka, umushikiranganji w'imigenderanire y'u Burundi n'amakungu, Ezeckiel Nibigira, yandikiye abashikiranganji b'imigenderanire b'ibihugu bigize COMESA.

Guhonyanga amategeko

Muri iryo kete, yagiriza umunyamabanga mukuru w'umuryango, Sindiso Ngwenya, gufata ingingo yo kwimurira ahandi inama ya COMESA u Burundi butagishijwe inama, avuga ko n'amategeko yahonyanzwe.

Umushikiranganji Ezeckiel yagiriza umunyamabanga wa COMESA gushaka kubuza ko inama ibera mu Burundi.

Ngo ariko kandi ivyo bari babigerageje mu kwezi kw'indwi kw'umwaka uheze bitwaje ko mu Burundi ata mutekano ukwiye uhari.

Ico gihe umunyamabanga wa COMESA yasigura ko u Burundi budafise ubushobozi bwo gutegura inama ihambaye nk'iyo.

"Nta kwitwaza igitero mu Cibitoke"

Umushikiranganji w'imigenderanire y'u Burundi n'amakungu asigura ko batokwitwaza igitero giherutse kubera mu Ruhagarika mu ntara ya Cibitoke cahitanye abantu 26, ngo bace bavuga ko mu Burundi ata mutekano uhari.

Ati "ivyabaye ni iterabwoba, iryo naryo ngo ryibonekeza no mu bihugu vya rutura".

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Inama ya COMESA yagomba kuba yabereye mu Burundi mu mwaka uheze

Nk'uko bigaragara muri iri kete, igihugu ca Seychelle coba arico canditse gisaba ko inama itobera mu Burundi ku mvo z'umutekano.

Umwiteguro urabandanya

Umugwi ujejwe gutegura iyo nama mu Burundi watangaje ko utaramenyeshwa ivy'iyo ngingo, uvuga mbere ko imyiteguro ibandanya ukuri kwamye.

Mw'ikete umunyamabanga mukuru wa reta y'u Burundi Philipo Nzobonariba yandikiye abashikiranganji batandukanye, ku wa 21 uku kwezi.

Yabasaba kwegeranya imodoka ubushikiranganji butunze kugira zizokoreshwe kw'igenekerezo rya mbere ukwezi kwa gatandatu mu bikorwa vy'iyo nama.

Uwo musi nyene, umunyamabanga wa COMESA yasohoye urwandiko amenyesha reta y'u Burundi ko inama y'inzego z'umuryango yoteguye iy'abakuru b'ibihugu izoba yimuriwe mu kw'indwi kandi ikazobera i Lusaka muri Zambia, ku cicaro ca COMESA.

BBC yagerageje kuvugana n'abo muri COMESA ngo bemange neza aho iyo nama izobera, batumenyesha ko ataco bashobora kutubwira ngo kuko ikibazo kiri ku rwego rw'abakuru b'ibihugu.

COMESA ni ishirahamwe ry'ibihugu vyo mu karere k'ubumanuko n'ubuseruko bwa Afrika, ryorosha urudandazwa hagati y'ibihugu biri muri iryo shirahamwe.

Ibindi bisa n’ibi