Muri Kongo baracatora ibiziga nyuma y'impanuka y'ubwato

Ubwato mu rugendo hagati ya Kinshasa na Brazzaville mu 2013 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ubwato burakoreshwa cane mu ngendo muri Kongo kubera ubukene bw'amabarabara

Abajejwe intwaro muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo bavuga ko bagitora ibiziga vy'abantu mu gikorwa barimwo co kurondera mu ruzi ubwato bwagiriyemwo isanganya.

Abantu bashika hafi mirongo ine n'icenda basomye nturi igihe ubwato bwarohama buri hagati ya Monkoto na Mbandaka mu buraruko bw'igihugu.

Abantu mirongo itandatu n'umwe nibo bamaze gutabarwa, ako karere kakaba kari ahantu kure cane hagoye gushika, kandi nta bubiko bw'ibiziga buhegereye, bigatuma abahasize ubuzima baca bapfubwa vuba.

Ingendo zo mu nzuzi zirakorwa cane muri Kongo kubera ubukene n'ububi bw'amabarabara, ariko kenshi usanga ubwato bupakirwa vy'ikirenga bigateza amasanganya menshi.

Mu kwezi guheze abantu barenga mirongo ine basomye nturi igihe bariko baragerageza kuja muri Kongo Brazzaville.