Icaturikiye mu buriro i Toronto cakomerekeje bikomeye batatu

Ibarabara ry'i Toronto nyuma y'igitero c'umuduga wahukijwe mu bantu mu kwezi guheze Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Igipolisi ntikiramenya nimba icaturitse mu buriro i Toronto ari igitero c'iterabwoba

Igipolisi mu muji wa Toronto muri Canada kivuga ko ikintu caturikiye mu buriro bw'Abahindi cakomerekeje bimwe bikomeye abantu batatu, bakaba baremvye mu bitaro.

Umukuru w'igipolisi aho vyabeyere yavuze ko abapolisi bakiriko bararondera abantu babiri b'abazungu bakekwa.

Binjiye mu buriro bwa Bombay Bhel imbere gatoyi yuko ico kintu giturika, baca barahunga bari mu muduga.

Yavuze ko bitaramenyekana neza nimba ico gitero mu karere ka Mississauga coba gifitanye isano n'iterabwoba canke ubugizi bwa nabi bufatiye ku rwanko.

Abandi bantu cumi na babiri bakomeretse igihe ico kintu caturika, baramaze kurekurwa n'ibitaro.

Ibindi bisa n’ibi