Trump atangaza ko bigishoboka yuko abonana na Kim Jong-un

Ahavuye isanamu, Getty Images
Trump avuga ko gutangaza ko asibije ibiganiro ari umukenyuro
Prezida Trump yamenyesheje ko inama, ipfa igasubira ikazuka, n'umukuru wa Koreya ya ruguru Kim Jong-un ngo hari aho vyoshika ugasanga irabaye.
Nyuma y'umunsi umwe atangaje bwa giturumbuka ko iyo nama itazoba, bwana Trump yavuze ko imishikirano hagati y'impande zombi ibandanya, ngo kandi birashoboka ko abo barongozi bahura mu kwezi kuza nk'uko vyari bitegekanijwe.
Kwihindukiza mw'ijambo kugira kabiri kw'uyu mu Prezida kuje nyuma y'aho Korea ya ruguru isohoreye ubutumwa buhumuriza bimaze gutangazwa ko inama itakibaye.
Ahavuye isanamu, Getty Images
Biracashoboka ko umubonano wa Donald Trump na Kim Jong-un uba
Yabariye kandi abamenyeshamakuru ko bose bakinye umukino, agashaka kuvuga ko kwihindukiza mw'ijambo biri mu mukenyuro wo kuganira.
Mu nyuma umushikiranganji wa Amerika ajejwe kwivuna abansi, James Mattis, yavuze ko bashobora kuba bafise amakuru meza ajanye n'iyo nama.