Abategetsi ba Korea zose basubiye kubonana

Ahavuye isanamu, THE BLUE HOUSE/TWITTER
Ibaye inama ya kabiri hagati y'abo bategetsi babiri
Abarongoye Korea ya ruguru n'iyepfo bahuriye mu karere katarekuriwemwo ibikorwa vya gisirikare kari hagati y'ivyo bihugu bibiri.
Iyo nama ni iya kabiri hagati ya Prezida wa Korea yepfo, Moon Jae-in na Kim Jong-un wa Korea ya ruguru.
Uwo mubonano ushitse mu gihe ibihugu vyose biriko birakora utwigore ngo bisubize ku murongo ibiganiro vyohuza Korea ya ruguru na Amerika.
Ku munsi wa kane, Prezida wa Amerika, Donald Trump yatangaje ko ivyo biganiro bitegekanijwe itariki 12 ukwezi kwa gatandatu bitakibaye, munyuma yivugurura amenyesha ko bikwiye kuba.
Ibiganiro vy'uno munsi vyabereye mu kigwati ca Panmunjom hagati y'isaha 15:00 na 17:00 zaho (06:00 na 08:00 GMT), niko ibiro vya Bwana Moon vyavuze.
"Abategetsi bose bavuze ico biyumvira...kugira ngo ibiganiro hagati ya Korea ya ruguru na Amerika bigende neza," niko vyabandanije bivuga.
Vyamenyesheje ko Bwana Moon azovuga ivyavuye muri ivyo biganiro ku munsi wa Mungu mu gitondo.
Ibiganiro hagati ya Bwana Trump na Bwana Kim, igihe vyoba, vyokwibanda ku kungene hokugwa ibigwanisho ruhonyanganda mu karere ka Korea no guhagarika imishamirano.