Impanuka ya bisi yahitanye 22 muri Uganda

Ikarata ya Uganda
Image caption Ikarata ya Uganda

Niburiburi abantu 22 barimwo abana batatu bapfuye mu mpanuka ya bisi, yabereye mu buraruko bwa Uganda, nkuko igipolisi cavuze.

Iyo bisi yasekanye n'ikiduga bita "tracteur" cagenda kitakije amatara mw'ijoro, iseka n'ikamyo, nkuko umuvugizi w'igipolisi Emilian Kayima yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP.

Iyo mpanuka yabaye ku munsi wa gatanu mw'ijoro ahitwa Kiryandongo, ku birometero 220 mu buraruko bw'umugwa mukuru Kampala.

"Imigwi y'abatabazi yaguma ikora urutavanako, igerageza kurokora abakomeretse," niko Madamu Kayima yavuze.

Bimwe mu binyamakuru vyo mu gihugu hagati bivuga ko abapfuye boba bashika kuri 30.

Igihugu ca Uganda kiri mu bivugwa ko bidakomeza umutekano wo kw'ibarabara kw'isi.

Abantu barenga 9500 nibo bamaze gupfa mu masanganya yo mw'ibarabara, hagati y'i 2015 n'i 2017, nkuko ibitigiri bivuga.

Ibindi bisa n’ibi