Impari zo kwandika kahise k'u Burundi "zotuma CVR isaba kwongerwa ikiringo"

Kuva i bubamfu, Prof Stef Vandeginste, Monseigneur Jean Louis Nahimana, Laurent Nzosaba umwigisha w'ivy'amategeko kuri kaminuza y'u Burundi
Image caption Kuva i bubamfu, Prof Stef Vandeginste, Monseigneur Jean Louis Nahimana, Laurent Nzosaba umwigisha w'ivy'amategeko kuri kaminuza y'u Burundi

Mu gihe umugwi ujejwe kurondera ukuri ku mahano yashikiye abarundi muri kahise ugiye gutangura igice cawo ca nyuma co gutohoza ku vyabaye, haribonekeza impari ku kugene akahise gakwiye kwandikwa.

Hari ababona ko ivyanditswe bidakwiye kandi bihengamiye uruhande rumwe.

Abandi bafise amakenga ko abipfuza ko kahise kandikwa gushasha, bashobora kuzanamwo inyungu zabo za politike.

Gutohoza, kwandika no gutanga umuco ukwiye ku mabi yashikiye abarundi kuva bikukira gushika muri 2008, ni bimwe mu birangurwa n'umugwi ujejwe kurondera ukuri "Commission Vérité et Réconciliation" (CVR) mu misi iri imbere.

Mu gihe hagiye gutangura igikorwa co guha amazina ivyaha vyose vyakozwe muri ico kiringo, imigwi itandukanye y'abarundi ntibona kumwe ivyanditswe ku ntwaro zaheze n'ibikwiye gukorwa ubu.

Image caption Abariko bumviriza icegeranyo c'aho ibikorwa vya CVR bigeze

Aloys batungwanayo arongoye ishirahamwe rigwanya ivyaha vy'ihonyabwoko AMEPCI, ni umwe mu bemeza ko akahise ku nryane zabaye mu Burundi kagumye kanyegejwe.

« Gushika uno musi nta bitabo vy'akahise ku mahano bihari. Ibihari ni ivyanditswe imbere y'umuzo w'abakoloni. Nta bitabo vy'akahise k'intambara birigera vyandikwa. Hariho benshi banditse ariko ntibanditse nk'abahinga ba kahise, ntibanditse nk'abacukuzi. Usanga banditse nk'abantu babibonye canke babibwiwe », nikwo Aloys Batungwanayo abibona.

Sylvestre Ntibantunganya yahoze arongoye uburundi sikwo abibona.

"Sinovuga ko twokwandika kahise gushasha. Numva ikibereye ari ukwo ahubwo abantu bakwiye kuja baratanga ibishobora gufasha mu kukandika kubera abakandika bafatira ku vyo babonye canke basomye hirya no hino vyabaye. Nta woca avuga rero ngo agiye kukandika gushasha kukoiki si igikorwa c'abanyapolitike", niko Ntibbantunganya asigura.

Image caption Emile Mworoha, umuhinga mu vya kahise

BBC yavuganye kandi n'umuhinga mu vya kahise, Emile Mworoha, yanditse ibitabo birenga 49 ku Burundi.

"Hari n'abo usanga bagaya ivyanditswe bataranabisoma. Ariko umuntu yipfuza kwandika ukundi kahise si bibi. Igikuru nuko yokurikiza amategeko agenga ingene ibitabo vya kahise vyandikwa. Hama akabizanira abahinga bakabiraba, bakabiharirako, ashoboye kubisigura, jewe numva atacobuza ko vyemerwa. Icoba kibi nuko bobisubiramwo bahengamiye ku nyungu zabo", nikwo Emile Mworoha abibona.

None umugwi CVR ubivugako iki? BBC yavuganye na Musenyeri Jean Loui Nahimana arongoye uwo mugwi. Yemeza ko ata kahise ku vyabaye kari bwandikwe kuva uburundi bwikukira.

"Novuga ko ata kahise kari bwandikwe. Hari gusa ivyagiye bitangwa n'ubutegetsi bw'ico gihe ariko ataho bihuriye n'ivyo abashikiwe n'amahano bazi canke babonye. Iki gikorwa turimwo rero nico kigiye gufasha kugira kahise kandikwe. Turiko turegeranya ibikenewe dukoresheje ubuhinga bwabigenewe kugira tubone kwandika, kandi nibaza ko nivyamara kwandikwa benshi hari igihe tuzotangara nitwasanga bihushanye n'ivyo twari tuzi canke twahora twibaza", ni Musenyeri Jean Louis Nahimana abivuga.

Uwo arongoye CVR avuga ko umugwi washoboye kuvugana n'abarundi barenga ibihumbi 120 bakozweko n'amahano, abo bose ngo bakaba batazi iyo ababo bagiye.

Ubu rero ikibazo abatari bake bibaza, ni ukumenya ingene uwo mugwi uzobikora ata na hamwe uhengamiye, mu gihe usigaje amezi indwi gusa kugira ikiringo cawo kirangire. Jean Louis Nahimana yibutsa ko CVR ari umugwi wigenga kandi ko bashobora kwongerwa ikiringo c'umwaka.

Ibindi bisa n’ibi