Umukuru wa Korea ya ruguru Kim Jong-un 'ariteguriye inama ya Trump'

Prezida wa Korea yepfo (i buryo) yagize inama itari yitezwe n'indongozi ya Korea ya ruguru Kim Jong-un ku wa gatandatu Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida wa Korea yepfo (i buryo) yagize inama itari yitezwe n'indongozi ya Korea ya ruguru Kim Jong-un ku wa gatandatu

Indongozi ya Korea ya ruguru Kim Jong-un'ariteguriye ata kwivuguruza' inama na Prezida wa Amerika Donald Trump itegekanywa i Singapour, niko ikinyamakuru c'igihugu camenyesheje.

Bino bimenyeshejwe inyuma y'inama yo kuwa gatandatu itari yateguwe, hagati ya bwana Kim na Prezida wa Korea yepfo Moon Jae-in, yavuze ko Korea ya ruguru "yiyemeje guhagarika umugambi wayo wa "nucléaire"".

Bwana Trump yari yahagaritse iyo nama yo kw'itariki 12 ukwezi kwa gatandatu, avuga ko abitewe n'"ugushamirana" kwa Korea ya ruguru.

Ariko ku munsi wa gatandatu yavuze ko "iryo sango ritarahinduka" ko ibintu "bigenda neza".

Ni ibiki vyavuzwe mu nama yo kuwa gatandatu?

Ivyavuzwe biri mw'itangazo ryasohowe n'ikinyamakuru c'igihugu ca Korea ya ruguru KCNA, no mw'ijambo ryashikirijwe n'umukuru wa Korea yepfo.

Bwana Moon yavuze ko we na Bwana Kim"bemeranije kw'inama yo kw'itariki 12 ukwezi kwa gatandatu yogenda neza" kandi ko indongozi ya Korea ya ruguru yongeye kuvuga ko "yiyemeje gukura ibigwanisho vya "nucléaire" mu karere ka Korea".

Ariko Bwana Moon yavuze ko Bwana Kim atizeye cane ko Washington izoguma ishigikira leta yiwe.

"Ico Kim atavuga neza nuko afise amakenga ko igihugu ciwe cokwizera Amerika inyuma yaho cemereye kurangiza imishamirano," niko Bwana Moon avuga.

Itangazo rya KCNA rivuga ko abo bategetsi "bagiranye ikiganiro ca kivandimwe", ko Bwana Kim yavuze ko afise "ishaka ridahinduka ku biganiro bizoshigwa mu mateka".

Yasavye ngo ivyo bihugu bibiri bifashanye kugira ngo "bitunganye uburyo bwotuma haba amahoro arama" yoshikana ibihugu ku "gihe gishasha co kurekurirana no kwiyunga".

Rivuga ko abo bategetsi bazosubira mu biganiro birambuye ku munsi wa gatanu.

Trump atangaza ko bigishoboka yuko abonana na Kim Jong-un

Image caption Kim (i buryo) na Trump basubiye kwemeza ko bazohura itariki 12 ukwezi kwa gatandatu i Singapour

Bwana Trump we yavuze iki?

Ari mu biro vyiwe vya White House yavuze ku wa gatandatu bugorovye ati: " Bigenda neza cane. Twiteguriye guhura itariki 12 ukwezi kwa gatandatu i Singapour. Ivyo ntivyahindutse."