Abagira magendo y'abantu barashe abimukira 100 muri Libiya

MSF ivuga ko abariko baravugwa bagwiriyemwo abakiri bato Uwufise ububasha kw’isanamu MSF
Image caption MSF ivuga ko abariko baravugwa bagwiriyemwo abakiri bato

Abagira magendo y'abantu bugururiye umucanwa ku bimukira 100 bariko bagerageza guhunga, niko vyatangajwe n'umuryango w'abaganga batibara imbibe "Médecins Sans Frontières" (MSF)

Abantu 25 bacitse kw'icumu bariko baravurigwa ku bitaro vyo mu gisagara ca Bani Walid.

MSF ivuga ko hari abantu 15 bapfuye, ko abagore baharugwa mu mirongo basigaye inyuma.

Libiya niyo nzira ya mbere abimukira bavuye munsi y'ubugaragwa bwa Sahara bipfuza kuja i Buraya bacamwo.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abimukira baja i Buraya bakunda gutwarwa mu kiyaga ca Méditerranée, abandi bakarokogwa n'igisirikare co mu mazi

Ico gihugu kiri mu yabira kuva igihe uwagitwara Muammar Gaddafi akuriwe ku butegetsi yishwe mu 2011.

Imigwi y'abagwanyi hamwe na leta zibiri zihanganye nibo bagenzura igihugu, bigatuma hakogwa ibikorwa vyinshi bitemewe n'amategeko.

MSF ivuga ko abariko baravugwa baturuka muri Eritrea, Ethiopia na Somalia, bashaka kurondera ubuhungiro i Buraya.

Bavuze ko bagurishijwe ku bantu bagira magendo y'abantu igihe bari bafashwe bagapfungwa imyaka itatu.

Indwi mu bacitse kw'icumu bariko bavugwa ibikomere vy'amasasu n'amagufa yavunitse ku bitaro vya leta vya Bani Walid, mu gihe abandi 18 bavugwa inguma ntonto.

Batwawe mu busho hamwe no mu bitaro vy'i Tripoli.

"Dutegerezwa gufata ingingo zose zikenewe kugira ngo abagwaye bashobore kuvugwa neza, twongere dukingire abandi kugira ngo ntibasubire kugwa mu mabi. Gupfunga abantu atakibagira siyo nyishu. Birakenewe ko bakingigwa, bakanafashwa," niko uwurongoye MSF muri Libiya Christophe Biteau yavuze.

Image caption Ikarata yerekana inzira abimukira bacamwo mu karere ka Méditerranée

Ibindi bisa n’ibi