Abasirikare b'abarusiya baguye mu ngwano muri Siriya

Imiduga ya gisirikare y'abarusiya hafi ya Damas Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Imiduga ya gisirikare y'abarusiya hafi ya Damas

Niburiburi abagwanyi bane b'abarusiya bishwe n'inyeshamba mu ntara ya Deir al-Zour mu buseruko bw'igihugu.

Abasirikare babiri b'abahanuzi bapfuye igihe umugwi w'abasoda ba Siriya bari barongoye wategwa.

Abandi barusiya batanu bakomeretse, babiri bicwa n'inguma, nkuko ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwavuze.

Igisirikare ca Siriya cafashe igisagara ca Deir al-Zour mu kwezi kwa 11 kurangiye, ariko abagwanyi b'umugwi wa leta y'iki Islamu "Islamic State" bagumye bakorera muri iyo ntara.

Ku bitigiri bitangwa, Uburusiya bumaze gutakaza abantu 90 mu ngwano yo muri Siriya.

Ikinyamakuru Novosti kivuga ko "imigwi y'iterabwoba iri ku rushi iguma izunguruka" yateye igisirikare ca Siriya mw'ijoro.

Abakomeretse bariko bavurigwa mu bitaro vya gisirikare vy'Uburusiya.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi buvuga ko bwishe inyeshamba 43 muri iyo ngwano.

Ikigo co mu Bwongereza giharanira agateka ka zina muntu gikurikirana ingwano yo muri Siriya "Syrian Observatory for Human Rights" cavuze ko ivyo bitero vyagabwe n'inyeshamba za leta y'iki Islamu, ko abagwanyi 35 bakorana na leta ya Siriya bishwe, harimwo n'abarusiya icenda.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Impunzi zituruka mu gihugu ca Siriya zahungiye mu bihugu bibanyi nka Libani

Muri iyo ngwano imaze imyaka indwi, abantu barenga 400000 barishwe abandi babugwa irengero, nkuko ikigo "Syrian Observatory for Human Rights" kivuga.

Abarenga igice c'imiliyoni 22 z'abanyagihugu b'ico gihugu barakuwe mu vyabo, imiliyoni 6.1 baguma mu gihugu hagati, abandi imiliyoni 5.6 baja kurondera ubuhungiro mu mahanga, na cane cane mu bihugu bibanyi nka Libani.

Ibindi bisa n’ibi