Abasirikare b'abarundi bari muri Somalia bamaze gushika kuki?

Abasirikare ba somaliya baracakeneye vyishi mw'itunganywa ryabo
Image caption Abasirikare ba somaliya baracakeneye vyishi mw'itunganywa ryabo

Abasirikare b'abarundi bagiye kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya, bafasha abanyagihugu mu kubacungerera umutekano, bakabaha ibintu vya nkenerwa nk'ibifungurwa, amazi ndetse bakanavura abarwaye.

Icicaro gikuru c'abasirikare b'abarundi bari mu rwego rwa Amisom kiri i Jowar, mu ntara ya Hirshabelle mu buraruko bushira ubuseruko bwa Somaliya.

Iruhande y'ikambi yabo, hari ikambi y'abateshejwe izabo bababa ibihumbi cumi n'icenda.

Uretse imfungurwa, abasirikare b'abarundi barafashije izo mpunzi mu kubashikiriza amazi meza.

Colonel Barutwanayo Charles ajejwe imigenderaniye hagati y'abasirikare b'abarundi bakorera mur'ico gihugu hamwe n'aba nye somaliya avuga ko babafasha mu vyo baba bakeneye kuko bakenye cane.

Colonel Barutwanayo avuga ati, "Twarabegereje amazi kuko iki gihugu kirakenye amazi, turabafasha mu kuronka utuzu twa surwumwe hamwe, kubavura no gufungurira ba ntahonikora".

Izo mpunzi zaje zigana ikirindiro gikuru c'abasirikare ba Amisom bahunga umutekano muke. Hari nk'abahunze mu y'intambara yadutse hagati y'imiryango ipfa amatongo, baje bava hafi y'uruzi Shabelle.

Image caption Isoko ry'amazi meza ryubatswe n'abasirikare b'abarundi mw'ikambi y'abateshejwe izabo y'aba somalia I Jowhar

Izo mpunzi zirashima igikorwa c'abasirikare b'abarundi.

"Turanezerezwa cane n'ibikorwa abasirikare b'abarundi badufasha. Twari dufise ikibazo gikomeye cane c'amazi twarayaronse.

Nta buzima bw'umuntu bushoboka ata mazi. Ariko hari ababa kure y'aho ari, vyoba vyiza bayabegereje."

Izo mpunzi zirongera ziti, "nta mfungurwa zikwiye turonka. Ariko turaronka imfungurwa duhabwa n'abasirikare b'abarundi.

Turashima ko abo basirikare bemera bakatugabaniriza ku mfungurwa zabo. "

Abategetsi ba Somaliya bo bongera ko ko, batipfuza ko abo basirikare batahuka nk'uko bisabwa n'ingingo -2372- y'akanama ka Onu kajejwe umutekano.

Iyo ngingo isaba ko abasirikare ba Amisom bogenda baragabanuka buri mwaka, hakazoshika mu 2021 ata n'umwe akiriyo.

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu mu ntara ya Hirshabelle Muhamed Adle, avuga ati:

" Nka reta ya Hirshabelle, ivyerekeye kugabanya abasirikare ba Amisom ntitubishaka ahubwo bakwiye kwongerezwa".

Yongera ati, "Ingingo ifatwa na reta y'i Mogadishu, ariko twebwe nka Hirshabelle, twipfuza ko boba baragumye ngaha gushika turonke amahoro arama".

Atanga umuco ati, "Mu ma leta yose ari ngaha muri Somaliya, iyacu iracari nto cane, kuko imaze umwaka umwe gusa".

Ayandi ma leta ari ngaha muri Somalia aramaze kwubaka neza igisirikare n'igipolisi cayo. Baramaze kuronka inyigisho kandi bafise n'igitigiri gikwiye c'abasirikare.

Ariko ngaha i Hirshabelle ntidufise igitigiri gikwiye c'abasirikare, nta nyigisho bararonswa, ubu ni ho dutanguye gushinga igisirikare n'igipolisi cacu.

Image caption Umuganga w'umurundi ariko aravura aba somalia mw'ikambi ya Jowhar

Ibirindiro vy'ingabo z'abarundi ziri muri Amisom biri ahantu hatandukanye mu ntara ya Hirshabelle.

Nk'ikirindiro ca Mahaday kiri ku birometero 14 gusa uvuye i Jowar ariko kuhashika ntivyoroshe.

Uretse imitego y'abagwanyi ba Al Shabab, hari kandi n'ibarabara ribi rituma ibimodoka bitamenwa abasirikare bakoresha bigenda birashaya.

Ikirindiro ca Mahaday kiri mu kibanza cahoramwo ihinguriro ry'amasase ku ntwaro ya prezida Siad Barre.

Inzu zarabomaguritse, n'ibimenyetso vyaho amasase yaguye ku mpome biracaboneka.

Ubu ako karere kose karangwamwo umutekano kiretse imitego y'abagwanyi ba Al Shabab rimwe na rimwe batega imiduga ya Amisom, nk'uko bivugwa na General Nduwumukiza Victor arongoye ingabo z'abarundi.

Image caption Bamwe mu basirikare b'abarundi bari mw'ikambi ya Mahaday

Icegera c'uwurongoye ingabo za Amisom, umunya Kenya Gen Tai Gituai, arashima igokorwa cakozwe n'abarundi bashitseyo mu 2007.

"Ubwa mbere abasirikare ba Amisom bashitse muri iki gihugu mu 2007. Ubu ngaha tuhamaze imyaka yababa cumi n'umwe."

General Gituai yibutsa, anashimira abasirikare batanguye gukorera muri Somaliya mu rwego rwa Amisom. Inyuma y'Abarundi hakurikiye Abaganda.

Yongerako ati :"Umutekano w'iki gihugu uzovana n'ibintu vyibanze. Bizogenda buhoro buhoro. Abamaze kuronka inyigisho bazoza baraja mu kibanza c'abo dutahukanye.

" Wibuke ko umwansi tugwana atagaragara. Abakurambere mu miryango barakwiye kuganira n'abana babo kugira bahebe kuja muri iyo ntambara."

Mu guheza, ko leta ya Somaliya, yo yasavye ko igitigiri c'abasoda ba Amisom cotangura kugabanywa, General Gituai avuga ati : "Nibaza ko babona uko bazobigenza nitwamara gutahuka.

Bashaka kwicungerera umutekano ntidushobora kubabuza twebwe."

Image caption Abasirikare b'abarundi bari ku birindiro bishika kuri 10 mu karere ka Hirshabelle

Ibihugu vya Kenya, Uganda, Uburundi, Ethiopia na Djibuti ni vyo vyarungitse ingabo mu rwego rwa Amisom. Bose hamwe bababa 20.000 muri bo abababa 5.000 n'abarundi, bakorera karere ka gatanu.

Ibihugu vya Uganda n'Uburundi ni vyo vyatanguye kurungika abasirikare muri ico gihugu mu 2007, bisabwe n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika.

Amahera menshi akoreshwa n'ishirahamwe Amisom atangwa n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya.

Ibindi bisa n’ibi