Umutegetsi wa Korea ya ruguru, Kim Yong-chol yagiye muri Amerika mu biganiro

File photo: Kim Yong-Chol and North Korean soldiers marching Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption General Kim Yong-cholabonwa nk'umuntu yegereye cane Kim Jong-un

Umwe mu bategetsi ba Korea ya ruguru yegereye cane Kim Jong-un yimirije kuja muri Amerika, gutegura umubonano ushobora guhuza ivyo bihugu bibiri.

Itororokanirizo ry'amakuru rya Korea y'epfo, Yonhap rivuga ko Gen Kim Yong-chol vyitezwe ko ashika muri Amerika ku musi wa gatatu, aciye i Beijing.

Ibi bishobora kuba ari kimwe mu bikorwa vyo gutegura umubonano hagati ya prezida Kim na prezida Donald Trump.

Uwo mu bonano waragizwe ko amakenga inyuma y'aho Trump avugiye ko udashobora kutaba mu ndwi iheze.

Ariko impande zose zagumye zitegurira uwo mubonano - utegekanijwe itariki 12 z'ukwezi kwa gatandatu mu gihugu ca Singapour.

US yafatiye ibihano bamwe mu bategetsi ku bigwanisho ruhonyanganda muri Korea ya Ruguru

Korea ya ruguru iti "va ku birwanisho ruhonyanganda vyacu"

Abategetsi ba Korea zose basubiye kubonana

Kim Jong-un 'ariteguriye inama ya Trump'

Bushobora kuzoba bubaye ubwa mbere aho umukuru wa Korea ya ruguru abonaniye n'umukuru w'igihugu ca Amerika akiri ku butegetsi.

Bitegekanijwe ko Gen Kim afata indege imushikana i New York ku musi wa gatatu, inyuma yo kuvugana n'abategetsi b'Ubushinwa i Beijing, nk'uko itororokanirizo ry'amakuru rya Yonhap rivyandika, risubiramwo abaserukira ibihugu vyabo.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Gen Kim (i buryo), ahagaze inyuma ya Ivanka Trump, yitavye ibirori vyo gusozera inkino za Olempike zo mu mbeho i Pyeongchang zo mu 2018

Kim Yong-chol ashobora kuba ari we mutegetsi akomeye wa Korea ya ruguru agendeye Amerika mu myaka yababa 20.

Uwo mugabo yahoze atwara iperereza, yaragize uruhara mu gutanguza ibiganiro hagati y'ico gihugu n'amakungu.