Abantu batatu bishwe barashwe i Liege mu Bubiligi

Belgian police on patrol in Liege after a deadly shooting Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Bivugwa ko ibintu vyasubiye mu buryo kandi ko abapolisi bamaze kuhashika.

Umugabo umwe yarashe abapolisi babiri hamwe n'umushoferi yari abegereye mu gisagara ca Liege kiri mu buseruko bw'Ububiligi.

Uwo mugabo yitwaje inkoho yagize ingwati umupfasoni akubura kw'ishure imbere y'uko yicwa n'igipolisi.

Abandi bapolisi babiri na bo bakomeretse.

Icatumye uwo mugabo akora ivyo ntikiramenyekana ariko abajejwe amatohoza ku vyaha vy'iterabwoba bariko barihweza neza ivyo vyashitse.

Inkuru ziva mu gipolisi ziri mu kinyamakuru co muri ako karere zivuga ko uwo mugabo bamwumvise avuga cane ngo Allahu Akbar (Imana ni yo nkuru mu carabu).

Ububiligi: Babiri bafashwe bagirizwa iterabwoba

Ububiligi buguma bugavye kuva habaye igitero co mu 2016 ciyitiriwe n'umugwi wa Etat Islamique cahitanye abantu 32.

Abitwaje iterabwoba baba mu gihugu c'Ububiligi bari mu bagize igitero i Paris mu 2015.

Umushikiranganji w'Ububiligi w'intwaro yo hagati mu gihugu Jan Jambon yavuze ko ikigo kijejwe kugenzura iterabwoba kiriko kirakurikirana ivyabaye.

"Hari ibimenyetso vyerakana ko iki ari igitero c'iterabwoba," ni ko Eric Van Der Sypt, umuvugizi w'umushikirizamanza w'Ububiligi yabwiye itororokanirizo ry'amakuru rya AFP.

Video yashizwe ku mbuga ngurukanabumenyi yerekana abantu bariko barayanyaga mu gihe humvukana amasoro menshi.

Ahabereye ico gitero hakikujwe, abantu na bo babujijwe kuhegera.

Ibindi bisa n’ibi