Abantu 20 mu bagirizwa kunyuruza amahera y'igihugu bashikanywe muri sentare muri Kenya

Inkumi n'imisore ya NYS barindiriye gutora ku biro vy'amatora vy'i Nairobi imbere yuko baja gufasha mu gikorwa c'amatora Uwufise ububasha kw’isanamu MARCO LONGARI/AFP/GETTY IMAGES)
Image caption Inkumi n'imisore ya NYS barindiriye gutora ku biro vy'amatora vy'i Nairobi imbere yuko baja gufasha mu gikorwa c'amatora

Abantu 20 mu bagirizwa kunyuruza amahera y'igihugu agera ku miliyoni 80 z'amadolari y'igisata c'igihugu kijejwe urwaruka "National Youth Service" (NYS) bashikanywe muri sentare muri Kenya.

Abo bantu bari kumwe n'abandi 30 bafatiwe hamwe, barimwo umuyobozi mukuru wa NYS, Richard Ndubai, bahakanye ivyo baregwa ariko ubushingwamanza burabankira ko borekugwa vy'agateganyo bigomboje amahera.

Imyiyerekano yo kugwanya igiturire muri Kenya

Bagirijwe ko batakaje imiliyoni 45.7 z'amadolari ku miliyoni $80 zazimiye muri ico gisata c'urwaruka.

Bubaye ubwa kabiri haba ubunyonyozi bw'amahera y'igihugu mu gisata c'urwaruka NYS muri ino myaka itatu.

Mu bunyonyozi buheruka, igihugu catakaje imiliyoni $7 ariko abari bagirijwe bakaba barejejwe nka bose, umwe wenyene akaba ariwe agikurikiranwa.

Umushingwamanza mukuru Noordin Haji avuga ko agiye kwicarira runo rubanza, ko rutazogenda nk'urwa mbere.

Akija ku butegetsi, Prezida Uhuru Kenyatta yavuze ko agiye kwicarira ikibazo ca ruswa ariko munyuma ariyemerera ko vyamutaye kuw'amazi.

Ikigo NYS ni umugambi wa leta wo kumenyereza urwaruka ingene rwokwibeshaho, mu kugwigisha imyuga n'ubudandaji, na burya benshi murirwo ata kazi bafise.

Ibindi bisa n’ibi