Buhari ategekanya kwemeza itegeko rigabanya imyaka isabwa ku bitoza

Prezida Buhari yavuze ko azokwitoza ku kiringo ca kabiri mu mwaka uza Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida Buhari yavuze ko azokwitoza ku kiringo ca kabiri mu mwaka uza

Umukuru w'igihugu ca Nigeria Muhammadu Buhari yitezwe kwemeza itegeko rigabanya imyaka y'abahiganigwa ikibanza c'umukuru w'igihugu, rishobora gutuma abakiri bato bitoza mu matora yo mu mwaka uza.

Iyo ngingo ifashwe haheze iminsi urwaruka rusunika leta ngo ihindure itegeko ryahahora, ruvuga ko rwakumiwe ku bijanye na politike.

"Mu minsi mike iri imbere, nzoba ndi kumwe n'abanya Nigeria bakiri bato, nshira umukono kw'itegeko rihindura itegeko "Uwukiri muto cane ntakitoze," niko Prezida Buhari w'imyaka 75 yavuze, ashikiriza ijambo ku munsi mukuru w'igihugu wahariwe intwaro ishingiye kuri demokarasi.

Mu kwezi guheze, Prezida Buhari yavuze ko azokwitoza mu kiringo ca kabiri mu mwaka uza.

Iyo nteguro y'itegeko igabanya imyaka y'uwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu kuva ku myaka 40 gushika kuri 35, abakenguzamateka hamwe na ba bulamatari kuva ku myaka 35 ikaja kuri 30.

Abitoza mu nama nshingamateka z'intara canke y'igihugu ngo bazoba bakwije imyaka 25.

Muri iryo jambo yashikirije, Prezida Buhari yamenyesheje ko agiye gukomeza umutekano no kugwanya Boko Haram.

"Umutekano ku banyagihugu nico gikorwa ca mbere ca leta. Imbere yuko buno butegetsi bushingwa haraheze imyaka itatu, Boko Haram yarifise uturere twinshi yigaruriye turi mu ntara nyinshi zo mu buraruko bushira ubuseruko," niko yavuze.

"Uno munsi, ububasha bw'izo ntagondwa bwaragabanutse."

Ibindi bisa n’ibi