U Burundi bwatanguje 'passeport' ya Afrika y'ubuseruko

Icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu Gaton Sindimwo (uwa gatatu uvuye i bubamfu) hamwe n'umushikiranganji w'umutekano Alain Guillaume Bunyoni
Image caption Icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu Gaton Sindimwo (uwa gatatu uvuye i bubamfu) hamwe n'umushikiranganji w'umutekano Alain Guillaume Bunyoni

Mu Burundi hatangujwe kuri uyu wa mbere igitabo c'inzira (passeport) c'umuryango wa Afrika y'Ubuseruko, abafise ivyahahora bakaba bahawe imyaka ibiri ngo babihindure.

Inyuma ya Kenya n'Ubuganda, ico gikorwa catangujwe n'icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu Gaston Sindimwo, asigura ko kizanye akarusho.

Bwana Sindimwo yamenyesheje ko kizoba gifise ikiringo c'imyaka cumi, mu gihe igihari muri kino gihe kitarenza imyaka itanu.

Ico gitabo gishasha kizoba gifise impapuro 52 n'agashusho (logo) kerekana igihugu cakorewemwo, nkuko umushikiranganji ajejwe umutekano mu gihugu Alain Guillaume Bunyoni yavuze.

Amakuru ava mu rwego PAFE rukora izo mpapuro, avuga ko "Ibitabu vyahahora biguma bikora, ariko uwundorera gishasha azohabwa ico kiranga ubumwe bwa Afrika y'ubuseruko".

Ikiguzi c'ico gitabo gishasha kikaba kizoba kiragumye ku mafaranga FBU 235 000 ariko agashobora guhindugwa, nkuko ubutegetsi bwabishikirije.

Ikindi n'uko, "Abafise impapuro zahahora, bashobora kuzomenyeshwa ko bazihindura, ni leta yabona ko bikenewe". (PAFE)

Image caption Burundi, igitabu gishasha c'inzira ca EAC

Abanyagihugu baganiriye na BBC bumvise ayo makuru, basavye ko ikiguzi kitoduzwa.

Inama igira iya 17 y'abakuru b'ibihugu bigize umuryango wa Afrika y'ubuseruko EAC, niyo yashizeho umugambi w'ico gitabo c'inzira kimwe.

Imyaka indwi irarangiye abarundi batanguye gukoresha ibitabo vy'inzira vyatunganijwe hakoreshejwe amakanda y'intoki (uburyo bwa biometrique).

Mu gihe ibindi bihugu vy'umuryango bija vyaratandukiye na karangamuntu yo mu bwoko bwa 'biometrique', Uburundi buracagendera ku ndangamuntu zisanzwe ariko ubutegetsi bukaba bwavuze ko bufise umugambi wo kuzihindura.