Icizere inyuma y'ibiganiro vyahuje imirwi ishamiranye y'abanye Libiya

Aba milise i Sabratha Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Imirwi y'aba milise igenzura igisagara ca Sabratha, mu kwa kabiri, 2016

Imirwi ine y'abanye Libya yahurijwe mu Bufaransa aho biyemeje gushira hamwe inguvu ngo amatora yimirije azogende neza. Ikibazo nyamukuru kikihari ni imirwi yitwaje ibirwanisho isanzwe ikorana n'abo ba nye politike.

Iyi nama yo kur'uyu wa 29 z'ukwa gatanu, yabaye amatariki ngenderwako abiri mu buzima bwa politike bwa Libiya amaze gushingwa.

Itariki 16 z'ukw'icenda niyo taliki yanyuma yahawe inama nshinga mateka ya Libiya ngo ibe yemeje ibwirizwa rigenga amatora.

Iyo nama nshinga mateka ibwirizwa kuba yanashinze umushinge w'ibwirizwa nshingiro rijanye n'ayo matora.

Italiki 10 z'ukw'icumi na kabiri, niho aba nye Libiya bazoja mu matora.

Ibi biganiro vyabereye mu Bufaransa, vyasozerewe n'ivyemezo vyo mu majambo.

Ariko vyabonetse nk'intambwe muri politike ya Libiya, kuko ivyemejwe ari ugukoranya abaserukira imirwi ine isanzwe iri mu matati.

Ariko kazoza c'ivyo vyungikanywe ko, bizoshobora kugaragara igihe amatora azoshobora gutunganywa, ibiyavuyemwo bikubahirizwa n'iyo mirwi yitwaje ibirwanisho.

Amatora yanyuma y'abashingamateka yabaye mu 2014, ivyateye akaguma mu ba nye politike no mu basirikare.

Icuka kihari ubu, n'uko hakiri ho amakenga ko ikirangaminsi ntabanduka c'amatora, ivyotuma haba amacakubiri yiyongereye hagati y'imirwi yitwaje ibirwanisho.

Iyi mirwi isanzwe ikorana n'imirwi ya politike isanganywe ukutumvikana.

Ibindi bisa n’ibi