Abashamiranye muri Libiya bumvikanye ku mugambi w'amatora

Khalifa Haftar shaking hands with President Macron in Paris Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption General Khalifa Hafta (i buryo), abagwanyi biwe bagenzura ubuseruko bwa Libiya, n'umwe mubemeje uwo mugambi.

Imigwi ishamiranye muri Libiya yumvikanye ku matora y'abashingamateka n'ayo umukuru w'igihugu yoba itariki 10 z'ukwezi kwa cumi na kabiri.

Iyo migwi ine yahuriye i Paris mu gihugu c'Ubufaransa, yumvikanye kandi gushiraho amategeko ya nkenerwa bitarenze hagati y'ukwezi kw'icenda.

Prezida w'Ubufaransa yavuze ko ayo masezerano ari akataraboneka kandi ko ari intambwe ikomeye iganisha ku gusubiza hamwe.

Igihugu ca Libiya kirangwamwo akajagari kuva prezida Col Muammar Kaddafi akuwe ku butegetsi akanicwa mu 2011.

Abagira magendo y'abantu barashe abimukira 100 muri Libiya

Sarkozy ngo ari mu "muriro udahera" kubera ivyaregwa kuri Libiya

Ico gihugu co mu buraruko bwa Afrika ubu kigenzurwa n'imigwi yitwaje ibigwanisho, hakaba hari intambara zidashira mu buseruko no mu bumanuko bw'ico gihugu.

Abategetsi ba Buraya babona ko kugarukana umutekano muri Libiya ari co ca mbere gikenewe mu kugwanya abitwaza idini rya Islam hamwe n'abimukira bava muri ico gihugu, cabaye aho abantu ibihumbi amajana n'amajana bo muri Afrika bahagurukira bagana Uburaya.

Ni bande bumvikanye kuri uwo mugambi?

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida w'Ubufaransa (hagati) yatumyeko abo bategetsi i Paris
  • Prime Minister Fayez al-Sarraj, (imbere i bubamfu) arongoye reta y'ubumwe ishigikiwe na Onu ikorera ku mugwa mukuru Tripoli.
  • Khalifa Haftar, (imbere i buryo) Umusirikare akomeye w'imyaka 75, abasirikare biwe bahurikiye muri Libyan National Army bagenzura ubuseruko bw'igihugu.
  • Aguila Saleh Issa, (imbere , uwa kabiri i buryo) Umukuru w'inama nshingamateka ifise icicaro mu buseruko bwa Tobbruk, aterekwa abategetsi ba reta y'ubumbwe.
  • Khalid al-Mishri, (Imbere i bubamfu) Umukuru w'imana nkuru y'igihugu, urwego rukuru ruhuriyemwo bose rwashinzwe n'inama nshingamateka mu 2012.

Abategetsi b'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya, Amerika hamwe n'ibihugu bibanyi na bo bari bitavye iyo nama yateguwe n'umukuru w'igihugu c'Ubufaransa.

Ibindi bisa n’ibi