Museveni ati WhatsApp iberako urusaku, nitozwe amakori

Prezida wa Uganda Yoweri Museveni Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Prezida Museveni avuga ko urubuga hwaniro WhatsApp ruberako ibintu bidafitiye akamaro igihugu

Abaganda bakoresha WhatsApp bagiye kuza barariha ikori ry'amashilingi 200 (amadolari 0.05) buri musi inyuma yaho inama nshingamateka yemereje iryo tegeko ryateye impari ku musi wa gatatu.

Iryo tegeko rizotangura gukurikizwa itariki ya mbere ukwezi kw'indwi, kandi rizogenga n'izindi mbuga ngurukanabumenyi nka facebook.

Guhanahana amahera biciye kuri telefone ngendanwa na vyo nyene bizotangishwa ikori.

Ibimenyeshamakuru muri Uganda vyavuze ko mu kwezi guheze, prezida Museveni yoba yavuze ko imbuga ngurukanabumenyi zikoreshwa "ahanini mu kuvuga ibitagira akamaro".

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Iryo tegeko rizotangura gukurikizwa itariki ya mbere ukwezi kw'indwi, kandi rizogenga n'izindi mbuga ngurukanabumenyi nka facebook

Abaharanira agateka ka zina muntu siko babibona, umwe mu banditsi ku mbuga ngurukanabumenyi, Rosebell Kagumire, akaba yabwiye ibiro ntaramakuru Reuters yuko ari "bumwe mu buryo bwo kubuza abantu gushikiriza ivyiyumviro vyabo".

Abashingamateka batatu banebaguye iryo tegeko bavuga ko ari nko "gutangisha ikori incuro zibiri", nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru cigenga ca Daily Monitor.

Umushingamateka wo mu buseruko bwa Kyaddondo, Robert Kyaggulanyi, batazira Bobi Wne, hamwe Joshua Anywarach co kimwe na Silas Aogon, bavuze ko kubera abakoresha whatsapp babanza kugura ama inite, irindi kori rije kubacinyiza.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umushingamateka wo mu buseruko bwa Kyaddondo, Robert Kyaggulanyi, batazira Bobi Wine ari mu biyamiriza gutangisha ikori abakoresha WhatsApp

Uwundi mushingamateka yitwa Patrick Nsamba wo mu mugambwe uri ku butegetsi, yavuze ko iryo kori rije kwongerera umuzigo abakene

Yavuze ko vyororoshe ku bashingamateka kuvuga ko igice 1% ari amahera make, ngo ariko ku bantu bakorera amahera adashika idolari rimwe ku munsi, bigiye kubavuna.