Imyiyerekano yo kwiyamiriza ibiturire muri Kenya

Abari mu myiyerekano
Insiguro y'isanamu,

Abagiye mu myiyerekano bayikoreye mu gisagara ca Nairobi

Abanyagihugu ba Kenya bakoze imyiyerekano mu gisagara ca Nairobi biyamiriza ingeso y'abarya ibiturire n'abanyuruza itunga ry'igihugu inyuma yaho gipotereje imiliyoni 80 z'amadolari kubera ba kaboko.

Hari amakuru menshi yiriwe aca ku mbuga hwaniro kubera ingeso y'ibiturire nka: #TakeBackOurCountry, #STOPTheseTHIEVES, #SitasimamaMaovuYakitawala na #NotYetMadaraka.

Kuri izo mbuga abakenya bavuga ko baruhishijwe n'ingeso y'abakozi bamwe bamwe ba leta biba amahera y'igihugu munyuma bakidegemvya.

Insiguro y'isanamu,

Bimwe mu vyapa vyari vyanditsweko biti: "Ntimwibe amahera y'abanyagihugu

Insiguro y'isanamu,

Abagize imyiyerekano bavuga ko batizeye ko abivye igihugu bazokurikiranwa n'ubutungane

Iyo myiyerekano yabaye inyuma yaho abantu 20 kuri 50 bagirizwa kunyuruza amahera imiliyoni 80 z'amadolari y'ikigo c'igihugu kijejwe urwaruka (NYS) baheruka gushikanwa muri sentare.

Prezida Uhuru Kenyatta yavuze ko atazokingira ikibaba uwunyuruje itunga ry'igihugu, asaba ko abakora ivyo bikogwa bigayitse bofatwa bagashikirizwa ubutungane.