Imyiyerekano yo kwiyamiriza Kafando, Onu n'Ubufaransa mu Burundi

Abari mu myiyerekano basaba Onu gukura Uburundi ku rutonde rw'ibihugu bifise umutekano muke
Image caption Abari mu myiyerekano basaba Onu gukura Uburundi ku rutonde rw'ibihugu bifise umutekano muke

Abantu barenga amajana atatu yo kwiyamiriza intumwa idasanzwe ya Onu mu Burundi Michel Kafando, Onu ubwayo hamwe n'Ubufaransa.

Bamwe mu bitavye iyo myiyerekano bari baraye mu kibanza citiriwe ukwikukira, hagati mu gisagara ca Bujumbura mu masengesho yo gusabira Uburundi.

Michel Kafando azira ko ngo yabwiye Onu ko amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro aherutse kuba mu Burunsi atabaye mu muco.

Abari mu mwiyerekano bakaba bari bitwaje inyandiko zisaba ishirahamwe mpuzamakungu Onu ngo rikure ku rutonde rw'ibihugu birangwamwo umutekano muke Uburundi.

Uwuharanira agateka ka muntu mu Burundi yakatiwe imyaka 32

I Burundi bariyamiriza ibiganiro biri Arusha

Ubufaransa na bwo nyene bwanebaguwe kuba bwashikirije ko ibwirizwa shingiro rishasha rikumira abarundi bo mu bwoko bw'abatutsi.

Umwunganizi akanaba n'umuvugizi mu bushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu, Terence Ntahiraja yavuze ko "bitumvikana ingene Ubufaransa bwagirizwa ihonyabwoko ryakorewe abatutsi mu Rwanda buvuga ibintu nk'ivyo."

Ntahiraja yavuze ko yaba ayo masengesho canke iyo myiyerekano vyateguwe n'abanyagihugu babisabiye uruhusha, bamaze kuvyihweza neza bararubaha.

Yemereye abari ngaho ko agiye gushikiriza ubutumwa bwabo abamukurira.