Pep Guardiola: Yaya Toure avuga ko umumenyereza wa Man City 'agirana kenshi ingorane n'abanyafrika'

Toure (left) started one league game in the 2017-2018 season Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Yaya Toure (left) started one league game during the 2017-2018 season

Umumenyereza wa Man City Pep Guardiola 'aragirana kenshi ingorane n 'abanyafrika', niko umukinyi wo hagati w'aba Blues Yaya Toure avuga.

Uwo mukinyi aturuka mu gihugu ca Côte d'Ivoire yavuye muri City mu kwezi kwa gatanu amaze imyaka umunani muri uwo mugwi, yavuze ko yipfuza gushira ahabona ibinyegezwa vya Guardiola, avuga ko "afise ishari".

"Nibaza ko twe abanyafrika tudafatwa co kimwe nk'abandi na bamwe bamwe," niko Toure yavuze mu kiganiro na France Football.

Umugwi City wabaye uwa mbere muri Premier League, ntaco washatse kuvuga ku vyashikirijwe na Toure.

Imbere yuko agenda, uwo mugwi waramwitiriye kimwe mu bibuga vyo kwimenyererezako, aranakwangura igishusho ciwe cubatswe mu kibanza c'imyimenyerezo.

Muri rino ci uwo mugwi wipfuza guha akazi umunya Algeria yavukiye mu Bufaransa, Riyad Mahrez azoba avuye muri Leicester City.

Toure yarakiniye Guardiola mu mugwi wa Barcelone imyaka ibiri, imbere yuko agurishwa muri City ku miliyoni 24 z'amapawundi mu 2010.

Amaze gutsinda amarushanwa atandatu yo mu Bwongereza, ariko yagiye rimwe gusa ku rutonde rw'abatangura urukino muri City, urukino rwa nyuma rwabahuje na Brigton.

Imbere y'urwo rukino, Guardiola yagize ati: "Yaya yaje hano mu ntango y'urugendo. Aho tugeze ubu ni kubera ivyo yakoze.

"Urukino rwa Brighton ruraza kumuha ivyo akwiye, ugusezegwa neza cane umukinyi ashobora kuronka."

Toure yakinye iminota 86 bahura na Brighton, mu gihe yakinye iminota 142 muri Premier League uno mwaka imbere y'urwo rukino.

Yemera ko bitatewe no "kubura ububangutsi bukenewe", avuga ko yasavye ivyegeranyo ngo arabe ingene ukwo vyifashe ku bakiri bato.

Guardiola yatsinze amahiganwa atandatu ari umukinyi mu mugwi Barcelone, yongera atsinda incuro indwi ari umumenyereza mu migwi ya Barcelone na Man City.

Toure yagize ati: "Sinzi igituma ariko nibaza ko afise ishari, kuko yamfata nka mukeba. Nkuko wemengo hari ico notuma adashikako.

"Ntiyankunda na gato. Hari igihe nibaza ko vyoba bituruka kw'ibara ry'urukoba rwanje.

"Sindi uwa mbere mvuze ibijanye n'ukuntu afata abantu. Muri Barca, hari abari bafise mwenivyo bibazo.

"Igihe menyeye ko yama agirana ingorane n'abanyafrika aho agiye hose, naca nibaza ibibazo.

"Nipfuza kuba uwa mbere nkura mu gacerere ibijanye na Guardiola."

Toure yakinye atangura inkino 22 ku bumenyereza bwa Guardiola mu 2016-17, munyuma asabwa gukina uwundi mwaka, ariko aca atangura gukoreshwa nk'umusubirizi.

Ibindi bisa n’ibi