Umupasitori yishwe n'ingona ariko arabatiza muri Ethiopia

Ingona zikunze kuba mu nzuzi canke mu biyaga Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ingona zikunze kuba mu nzuzi canke mu biyaga

Umupasitori w'umuporoti yariko arabatiza abakirisu bashasha hafi y'ikiyaga mu bumanuko bwa Ethiopia yishwe n'ingona, niko igipolisi hamwe n'abanyagihugu babwiye BBC yo mu ki Amharic.

Abantu bashika 80 nibo bariko barabatizwa igihe Pasitori Docho Eshete yicwa n'iyo ngona ku wa Mungu mu gitondo, mu kiyaga co mu gisagara ca Arba Minch, muri komine ya Merkeb Tabya.

"Yabatije umuntu wa mbere munyuma aja kuwa kabiri. Mu mwanya muto, ingona isimba iva mu kiyaga ica ifata pasitori, nawe asunikira hirya umuntu yariko arabatiza," niko umuntu aba muri ako karere vyabereyemwo yabwiye BBC.

Abanyagihugu hamwe n'abarovyi bagize uko bashoboye ngo batabare pasitori Docho ariko barananigwa, niko umupolisi Eiwnetu Kanko yavuze.

"Bashoboye kuronka ikiziga ciwe gusa...Ntibashoboye kumutabara," niko Eiwnetu yabandanije avuga.

Abantu baba iruhande y'ico kiyaga bavuga ko ibikorwa vy'uburovyi bikogwa cane vyatumye ingona zibura ico zifungura, zigaca ziguma zirondera ico zocisha ku munwa ku nkengera z'ico kiyaga.