Ibikorwa mvabwenge vyoba bikingiwe mu Burundi (droit d'auteur)?

Inanga y'ikirundi
Image caption Abanyamuzika b'Abarundi bizera gutorera akoyoko mw'itegeko rikingira ibihangano vyabo

Mu mpera z'indwi iheze mu Burundi niho hagiye mu ngiro itegeko rikingira ibikorwa mvabwenge, nko ku muziki bigasigura ko ata radiyo canke utuvyiniro bobikoresha batabirihiye.

Abakora akazi k'umuziki baganiriye na BBC barashima ico gikorwa, ariko ntibabibona kumwe n'amaradio eka mbere n'imiziki y'Abarundi iracavuzwa ukuri kwamye muri ayo maradio.

Umuririmvyi w'umusore Hyves Kamikiwe avuza umuziki ndundi yabwiye BBC ko abaririmvyi bamaze igihe kinini imiziki yabo ivuzwa n'abantu batayiriha.

Image caption Hyves Kamikiwe avuga ko hageze ko abaririmvyi bakamisha ibikorwa vyabo

Ariko aramwenyura yagize ati: "Harageze ko dukamisha ibikorwa vy'ubwenge bwacu n'amaboko yacu. Ni umwanya wo kwimbura. Ndanezerewe cane. Mbere iyo ngingo yari yaratevye".

BBC yashitse kandi ku muhana w'umutama wa kera, Joseph Torobeka, avuza ibicurarangisho kavukire, akaba ari we yavugije inanga y'ikirundi yamenyekanye cane yitwa "Mubu".

Uwo mukukuruke yahoze akorera ubushikiranganji bw'imico kama yizeye ko reta igiye kubibuka ngo kubera bari barushe.

Bwana Torobeka yagize ati: "Kuva mu myaka ya 70 umuziki wacu uvuzwa mu maradiyo yose ataco baduha. Twarateje imbere igihugu biciye mu ndirimbo zijanye n'imico. Ubu rero twibaza ko reta igiye kugira impuwe idushimire".

Image caption Joseph Torobeka, yavugije inanga yakunzwe cane yitwa "Mubu", avuga ko kuva mu mwaka 70 indirimbo ziwe zivuzwa ataco ahabwa

Itegeko ribuza iki?

Iryo tegeko ryagiye mu ngiro mu mpera z'indwi iheze ribuza amaradio, ubunywero, amahoteri, imiduga yunguruza abantu, ubutambiro n'ibindi bibanza, gukoresha ibikorwa mvabwenge nk'imiziki, amareresi n'ibindi, mu gihe bazoba batabirihiye.

N'ubwo biri ukwo, mu maradiyo akorera mu Burundi imiziki y'Abarundi baracayivuza ukuri kwamye.

Médar Niyonkuru akora ibiganiro vy'imiziki asigura ko bigoye gushira mu ngiro iyo ngingo mu gihe bene imiziki aribo bisabira ko imiziki yabo yovuzwa mu maradiyo ku buntu.

Image caption Médar Niyonkuru, atunganya ibiganiro vy'umuziki, avuga ko bigoye gushira iryo tegeko mu ngiro mu gihe anyamuziki ari bo bisabira amaradiyo kuvuza indirimbo zabo

"Biragoye cane mu gihe ikigo OBDA kiraba ivya droit d'auteur kitarashobora guhemba abanyamuziki. Muri make iyi ngingo ije gusubiza inyuma umuziki w'u Burundi", niko Médar abibona.

Mu kigo OBDEA kiraba ibijanye n'ibikorwa mvabwenge bamenyesha ko abegwa bose n'iyo ngingo bategerezwa kuyubahiriza.

Nadine Ndayizeye akirongoye avuga ko yaba ama bus yunguruza abantu, amahoteri, ubunywero, n'ibindi bibanza, bazoharurirwa kimwe cose bafatiye ku kungene gikoresha ibivuza umuziki harimwo n'imboneshakure.

Image caption Ikigo OBDEA kivuga ko iyo ngingo iraba n'indirimbo z'Abanyamahanga

Asigura ko ingingo iraba n'ibikorwa vy'abanyamahanga

Nadine agira ati: "Zaba izo ndirimbo z'Abarundi zaba iz'abanyamahanga, zose zirarabwa n'iyi ngngo. Umunyamahanga ari mu Burundi azotunganirizwa nk'uko n'Umurundi ari hanze y'igihugu atunganirizwa n'amategeko yo mw'ico gihugu".

Ibikorwa vyaranguwe n'abahinga ba kera boba batakiriho navyo nyene bizoshirwa ku ntonde z'ikigo OBDA kugira benevyo batunganirizwe.

Ibindi bisa n’ibi