Pierre Nkurunziza amenyesheje ko atazokwitoza mu 2020

Prezida Pierre Nkurunziza
Image caption Prezida Pierre Nkurunziza nyuma yo gushira umukono kw'ibwirizwa shingiro rishasha, yatangaje ko atazokwitoza mu 2020

Umukuru w'igihugu c'u Burundi, Pierre Nkurunziza, mu muhango wo gushira umukono kw'ibwirizwa shingiro rishasha, amenyesheje ko atazokwitoza mu matora yo mu 2020.

Benshi mu batavuga rumwe na Prezida Nkurunziza bavuga ko ibwirizwa shingiro ryahinduwe kugira azoshobora kuguma ku butegetsi gushika mu 2034.

Hari mbere n'abavuga ko intumbero ari ukwigira umwami mushasha w'u Burundi.

Ariko ibi ntivyatangaje abamwegereye, kuko bobo bamye bavuga ko ibwirizwa shingiro ritahinduriwe Prezida Nkurunziza.

Gushira umukono kw'ibwirizwa shingiro

Ivyo birori biriko birabera mu ntara ya Gitega, muri komine Bugendana ahakoraniye abategetsi bose.

Inyuma yo gushira umukono kuri iryo bwirizwa shingiro ku kirimba i Gitega, ibindi birori vyabandanirije ku kibuga c'i Bitare muri komine Bugendana.

Image caption Abanyagihugu benshi bari barindiriye ijambo rya Prezida Nkurunziza ku kibuga c'i Bitare

Abanyagihugu benshi bakoraniye kuri ico kibuga barindiriye ijambo nyamuru ry'umukuru w'igihugu.

Iryo bwirizwa shingiro Abarundi baryemeje irariki 17 z'ukwezi kwa gatanu.

Rwasa Agathon arongoye urunani Amizero y'Abarundi rwiyamamarije kurihakana, yaranse kwemera ivyayavuyemwo.

Image caption Umuhango wo gushira umukono kw'ibwirizwa shingiro rishasha wari witeguriwe mu ntara ya Gitega

Yarituye sentare ijejwe ibwirizwa shingiro kugira hategurwe ayandi matora, ariko iyo nayo yavuze ko ibirego vyiwe ata shingiro bifise.

Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro yatangaje ko "Ego" yatsinze ku bice birenga 70 kw'ijana.

Ibindi bisa n’ibi