Imyigaragamvyo ikomeye irabandanya ku rubibe rwa Isiraheli

Umugore w'umunye Palestine mu myiyerekano ku rubibe rwa Gaza na Isiraheli, itariki 13/04/2018 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Imisigiti y'i Gaza yamagariye abantu kuza mu myigaragamvyo ari benshi

Ibihumbi vy'abanye Palestine basubiye mu myigaragamvyo ku rubibe hagati ya Gaza na Isiraheli, mu rukurikirane rw'imyiyerekano bise "Urugendo ruhambaye rwo gutahuka".

Imyotsi yirabura ivuye mu mapine abigaragamvya baturiye niyo yuzuye ikirere, mu gihe amatiyara yaka umuriro bakoze bo nyene yasubiye guterwa yerekeza muri Isiraheli.

Imisigiti i Gaza yamye irahamagararira abantu kwitaba iyo myiyerekano ari benshi, ikaba ibaye ku munsi wa gatanu wanyuma w'igifungo ca Ramazani.

Abanye Palestine barenga ijana nibo gushika ubu bamaze kwicwa n'amasasu y'abasirikare ba Isiraheli mu ndwi ziheze z'imyiyerekano.

Ubwo bwicanyi bwariyamirijwe n'amakungu, ariko Isiraheli ishimangira yuko igisirikare cayo kiriko kirarinda ibitero urubibe rwaco.

Iyi myiyerekano igamije gusaba ko Isiraheli yova mu butaka yigaruriye kugira impunzi z'abanye Palestine zitahuke zibubemwo.