Uganda, umushingamateka Ibrahim Abiringa na mwene wabo bafubwe

Inama nshinga mateka ya Uganda Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umushingamateka Ibrahim Abiringa yari yegereye Perezida Museveni

Perezida Museveni yavuze ko abagandaguye umushingamateka Abiringa batanguje indwano. Hari mu birori vyo kumufubana iteka vyitabwe n'abaganda amajana, harimwo abavuga rumwe na leta kimwe n'abatavuga rumwe.

Yagandaguranywe na mwene wabo, kuwa gatanu uheze, n'umuntu yitwaje ikirwanisho ari kw'ipikipiki.

Kuva mu gitondo, abajejwe umutekano barwijwe mu buraruko bw'ubuganda, ahabereye ibirori vyo gufubana iteka uwo mushinga mateka.

Mur'ivyo birori, hamenyeshejwe ko amahera arenga miliyoni 36 z'amashiringi y'amaganda, ariyo bagenzi we b'abashingamateka begeranirije umuryango asize.

Kuva kuwa mungu, abantu baharurwa mu majana bashigikiye uwo muhisi, nibo bahuriye ku kibuga c'indege c'I Arua, aho ibiziga vy'abo bavukanyi babiri vyatahukanwa mur'ako karere basanzwe bavuka mwo.

Kubera ishavu, hari n'abashatse kudurumbanya ikirindiro c'igi polisi co ngaho I Arua.

Bahavuye bigizwa yo n'igipolisi gikoresheje ibisasu bikoroza amasozi.

Mu vyo abo bashavuye bashira hejuru, babaza ingene leta idashobora gukingira abarongozi igiye gushobora gukingira abanyagihugu basanzwe.

Umwe mubategetsi batandukanye yafashe ijambo, umwe mu bagenzi yavuze ati "Abiringa yavutse mu 1956 ntiyari kurinda gutwarwa n'umwicanyi w'umwiyererezi."

Uyo yongeye ati, "Mu buganda turakenyeye tubonye 'bodaboda' tuze turikeka dutinya urupfu?"

Perezida Yoweli Museveni n'umutambukanyi wiwe, umushikiranganji wa mbere wa Uganda ni bamwe mu bategetsi bifadikanije n'umuryango mur'urwo rubanza.

Umushingamateka Ibrahim Abiringa yari yegereye Perezida Museveni