Urunani rwa Canada, Amerika na Mexique batsinze Maroc ku majwi 67 kw'ijana

Igikombe c'isi

Amerika, Canada na Mexique ni bo bazokwakira igikombe c'isi co mu 2026 bakaba bariko barahiganwa n'igihugu ca Maroc co mu buraruko bwa Afria.

Umukuru w'ishirahamwe rw'umupira w'amaguru muri Amerika Carlos Cordeiro yagize ico avuga kuba igihugu ciwe kizokwakira inkino z'igikombe c'isi ca 2026 bari kumwe na Canada hamwe na Mexique.:"Murakoze caane ku gateka muduteye, Murakoze mu kutugirira ico cizere.

"Twese duhuriye ku mupira w'amaguru, urukino rwiza cane rutagira imbibe n'akaranga. Uyu musi hatsinze umupira w'amaguru gusa."

Uruhande rumwe rwvuganirwa na David Beckam hamwe na Donald Trump agira iterabwoba ku mbuga ngurukanabumenyi. Urundi ruhande rwizeza ko azoba ari inkino z'igikombe c'isi c'abanyaburaya ariko kibereye muri Afrika.

Maroc hamwe n'ibihugu vyishize hamwe vya Amerika, Canada na Mexique vyairiko biragwanira gutegura izo nkino z'igkombe c'isi zitari bwigere ziba - aho imigwi 48 izokina inkino 80 mu misi 34.

Inyuma y'izitegekanijwe kuba zateye impari nyinshi, mu 2018 hamwe na 2022 mu Burusiya no mu gihugu ca Qatar, Fifa yiyemeje ko amatora azoba kumugaragaro.

Ariko none izo mpande zibiri ziyemeza iki? Amatora atunganijwe gute? Ni nde azotunganya izo nkino mu myaka umunani iri imbere?

Urugendo rurerure mu bihugu bitatu- ku mugwi wishize hamwe

Uwufise ububasha kw’isanamu Fifa
Image caption Mu bibanza 23 bishobora kuberamwo inkino z'igikombe c'isi muri Canada, Amerika na Mexique - ibisagara 10 kuri 17 vyo muri Amerika bishobora gukoreshwa.

Uwahoze ari kizigenza w'umugwi nserukiragihugu w'Ubwongereza David Beckam avuga "Ibihugu bikomeye" birakwiye kwakira igikombe c'isi kandi ashobora no kuziraba nk'umukunzi w'inkino mu gihe urwo runani rwishize hamwe rwotsindira kuzakira.

Ariko prezida wa Amerika we Donald Trump yakoresheje ayandi mayeri, mu kugabisha kuri Twitter " ibihugu dusanzwe dufasha" mu gihe vyohirahira bigaha amajwi Maroc kuri uyu wa gatatu.

Mexique na Amerika vyose biramaze kwakira inkino z'igikombe c'isi kimwe cose ku ruhande rwaco, iziheruka mu 1970 no mu 1986, hamwe rero no mu 1994. Canada yakiriye igikombe c'isi c'abigeme mu 2015.

Uwutwara ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Amerika Carlos Cordeiro yavuze ko bakiriye ico gikombe hokwinjira amahera agera ku miriyaridi 14 z'amadolari, fifa na yo ikahungukira imiriyaridi 11 z'amadolari.

  • Ku bisagara 16 vyokwakira izo nkino, 10 vyoba biri muri Amerika mu gihe ibindi vyoba biri muri Canada na Mexique.
  • Urukino rwa nyuma rushobora kubera ku kibuga ca MetLife cakira abantu 84.953, ahabera ihiganwa rya NFL.
  • Urugendo ruri hagati igisagara kiri kure mu buraruko (Edmonton) na kure cane mu bumanuko (Mexico City) rungana hafi ibirometero 5000.
  • Ugereranije n'ibirometero 3000 mu Burusiya (kuva Kaliningrad uja Ekaterinburg) muri iri ici hamwe birenga 4500 muri Brezil mu 2014 (Kuva i Manaus uja Porto Alegre).

Yoba ari amahigwe kuri iyi ncuro ya gatanu? Maroc

Incuro zize zose Maroc ihiganwa itsindwa. Ariko bishobora guhinduka ubu kuri Maroc?

Umugwi wa Fifa ujejwe kugenzura warashikirije ivyo wabonye, ariko ukaba warinubiye uko ibibuga bimeze, uburaro hamwe n'uburyo bwo kwiyunguruza.

Ariko uwuserukira Maroc yavuze ko bafise icizere ko inyuba ico gihugu gifise zishobora gukwira kandi ko kuba ari igihugu co mu buraruko bwa Afrika ku birometero umunani gusa uvuye mu bumanuko bwa Espagne bishobora kugira ico bifashije.

"Igikombe c'isi co muri Marco, si ica Afrika gusa", ni ko yabwiye BBC Sport. "Gishobora kuba kandi igikombe c'isi ca Buraya. Turi hafi cane ugiye n'indege kuva ku migwa mikuru y'ibihugu vyose vy'i Buraya."

  • Inkinzo zobera ku bibuga 14 - icenda muri vyo bikenewe kwubakwa - bikaba biri mu bisagara 12.
  • Buri gisagara kiri mu birometero 550 uvuye ku mugwa mukuru i Casablanca.
  • Urukino rwa nyuma rwobera ku kibuga ca Grand Stade c'i Casablanca gishobora kwakira abantu 93.000.
  • Coba kibaye igikombe c'isi ca kabiri kibereye ku mugabane wa Afrika, inyuma y'ica Afrika y'epfo mu 2010.
  • Maroc carabereyemwo ihiganwa ry'imigwi 16 yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Afrika mu kwezi kwa mbere n'ukwa kabiri, hamwe n'igikombe c'isi c'imigwi yabaye iyambre iwabo mu 2023 hamwe na 2014.
Uwufise ububasha kw’isanamu Fifa
Image caption Akabirya kuri Maroc - Hazoba hari ibibuga 14 muri ivyo bisagara 12