Uburusiya buriteguriye inkino z'igikombe c'isi urukino aho rwa mbere ruza guhuza Uburusiya na Arabie Saudite

The World Cup 2018 mascot

Ahavuye isanamu, Getty Images

Inkino z'igikombe c'isi zateguwe na FIFA mu 2018 ziratangura uyu musi mu Burusiya aho ico gihugu gitana mu mitwe na Arabie Saudite inyuma y'ibirori vyo kwugurura izo nkino ku kibuga ca Luzhniki mu gisagara ca Moscou.

Urwo rukino ruza gutangura isaha cumi n'imwe z'umugoroba, kw'isaha yo mu Rwanda no mu Burundi.

Izo nkino zitabwe n'ibihugu 32, harimwo abadagi batwaye igikombe giheruka, hakazokinwa inkino 64 mu misi 32.

Urukino rwa nyuma rutegekanijwe itariki 15 z'ukwezi kw'indwi.

Izo nkino za nyuma z'igikombe c'isi zigira iza 21 zizokinirwa ku bibuga 12, mu bisagara 11 vy'Uburusiya biri nko ku birometero vyababa 3000.

Kubera ivyo, hazoba hari ubudasa ku gihe izo nkino zizoberako.

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Ubudagi bwatsinze Argentine mu nkino nk'izo mu 2014 bwipfuza kuba igihugu ca mbere butwaye ico gikombe bwikurikiranya kuva mu 1962.

Brezil na bo bashaka guca uwundi muhigo wo gutsindira ico gikombe incuro ya gatandatu.

Iryo higanwa ry'ukwezi kose ryitezwemo abantu bagera ku gice c'umuliyoni mu Burusiya no kw'isi yose hakaba hitezwe ko rirabwa n'abandtu barenga imiriyaridi zitatu.

Hari amatsinda umunani, buri tsinda rikabamwo imigwi ine.

Imigwi ibiri izoba iya mbere muri buri tsinda ni yo izobandanya mu gice ca 16 gishira ica nyuma.

Urukino rwa nyuma ruzobera ku kibuga ca Luzhniki cakira abarorerezi 81.000 itariki 15 z'ukwezi kw'indwi.

Ni nde azotwara ico gikombe c'isi?

Ubudagi buheruka kugitwara, Brezil imaze kugitwara incuro zitanu, Portugal iherutse gutwara igikombe ca Euro 2016, Argentine yatahukanye ikibanza ca kabiri mu nkino z'isi zo mu 2014, Pologne hamwe n'Ubufaransa bwatwaye ico gikombe c'isi mu 1998, ni yo migwi yashizwe imbere igihe haba tombola yo kumenya imigwi izohura n'iyindi.

Yose ihabwa amahirwe yo gutahukana ico gikombe.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Ubudagi ni bwo bufise ico gikombe giheruka

Uburusiya bwakiriye izo nkino na bo bari mu mugwi w'ivyo bihugu n'aho bari kure cane ku rutonde rwa Fifa rwa buri kwezi, aho ubu bari mu kibanza ca 70.

Ubwongereza bwatsinze urukino rumwe mu nkino zine baheruka gukina ubu bwavuba mu gikombe c'isi ntibari bashizwe muri uwo mugw co kimwe na Espagne batwaye ico gikombe mu 2010.

Ubudagi bwagiye bushika n'imiburiburi mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mu mahiganwa ane aheruka, n'inyuma yo kuba umugwi wonyene wagiye muri iryo higanwa inyuma yo gutsinda inkino zose i Buraya, bikaba vyitezwe uzokora ibikora inka.

Bari mw'itsinda rya F aho bari kumwe na Mexique, Swede na Korea y'epfo.

"Ubudagi buzokinishwa cane gusumba uko vyahora imbere." ni ko umumenyereza wabwo Joachim Low avuga.

"Ni twebwe twenyene nk'abaheruka gutwara ico gikombe dufise ico twotakaza."

Brezil ni co gihugu conyene kigiye muri izo nkino kidasivye na rimwe kuva izo iryo higanwa ritanguye, ariko nta gikombe baratwara kuva mu 2002.

Igihe ca nyuma bamaze gutahukana intsinzi muri izo nkino z'igikombe c'isi zabereye i Buraya ni 1958.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ariko Brezil irafise icizere, na cane cane bakaba bizeye umukinyi wabo rurangiranwa Neymar yaciye umuhigo mu kugurwa imiliyoni 200 z'amapawundi aho yimukira mu mugwi wa Paris Saint Germain mu Bufaransa avuye muri Barcelone mu kwezi kw'umunani mu 2017.

Yari yavuzitse mu ntango z'uyu mwaka ariko ubu yarakize, akabara yaranakinye inkino nyinshi za kivandimwe mpuzamakungu mu mugwi wa Brezil, kandi araninjiza.

Espagne ifise abakinyi benshi bakomeye bakina mu bihugu vya Buraya bava mu mugwi wa Real Madrid bakaba bashaka gutsindira ico gikombe nk'uko babigize mu myaka umunani iheze, n'igihe batwara igikombe ca Buraya mu 2008 no mu 2012.

Ronaldo na Messi bazotahukana intsinzi?

Ku rundi ruhande, Christiano Ronaldo azoba ariko ararondera umudali wa mbere mu gutsindira igikombe c'isi inyuma yo gufasha Portugal gutwara igikombe ca Euro 2026, Lionel Messi na we akaba yiteze ko yotsinda igikobe ca mbere gikomeye akinira Argentine.

Ubufaransa bufise abakinyi bakiri bato kandi bakomeye, harimwo umukinyi w'imbere w'imyaka 19 Kylian Mbape.

Barafise kandi abakinyi bari mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza harimwo umunyegoli wa Tottenham Hugo Lloris, umukinyi wo hagati wa Manchester United Paul Pogba n'umukinyi w'imbere wa Chelsea Olivier Giroud.

Abagiye mu gikombe c'isi ubwa mbere ni bande?

Panama na Islande ni vyo bihugu bigiye mu gikome c'isi ubwa mbere.

Islande, igihugu gifise abantu 335.000 bonyene, ni co gihugu gito citavye iryo higanwa.

Bizeye ko basubira kugira amahigwe yo gushika kure nko mu myaka ibiri iheze aho bashitse mu gice ca kane gishira ica nyuma mu nkino za Euro 2016, bukaba kandi bwari bubaye ubwa mbere baja mw'ihiganwa rikomeye.

Ivyo babishitseko mu kumaramaza Ubwongereza mu rukino rwabahuje.

Urukino rwa mbere rwa Islande mu Burusiya ruzobahuza na Argentine itariki 16 z'ukwezi kw gatandatu.

Igihugu ca Panama caratanze akaruhuko mu gihugu cose inyuma yo gutsindira kuja mu gikombe c'isi incuro ya mbere.

Ico gihugu co muri Amerika yo hagati kiri mu kibanza ca 55 ku rutonde rwa Fifa. Bafise umumenyereza abimenyereye Hernan Dario Gomez, yari kumwe n'iigihugu ciwe ca Colombia mu gikombe c'isi co mu 1998 hamwe na Equateur mu 2002.

Hari n'ibindi bihugu vyitavye iryo higanwa inyuma y'imyaka itari mike binanirwa gushika muri iryo higanwa.

Misri na Maroc inyuma y'imyaka 28 na 20.

Insiguro ya video,

Igikombe c'isi c'umupira w'amaguru... mu biharuro. Harura kuva uri 1 gushika kuri 10!!

Hari n'ibindi bihugu bizwi cane mu mupira w'amaguru ariko bitashoboye kuja muri iryo higanwa.

Ubutaliyano bumaze gutwara ico gikombe incuro zine, abafise igikombe ca Amerika y'ubumanuko Chilie, hamwe n'abafise igikombe ca Afrika Cameroun ntibashoboye kuja muri izo nkino.

Ubuholande bwabaye ubwa kabiri mu 2010 na bo nyene ntibagize amahirwe.

Amerika na yo ntizoja muri izo nkino incuro ya mbere kuva mu 1986.

Abahagarikizi bazifashisha video (VAR)

Ubuhinga bwo gufasha abahagarikizi (VAR) buzokoreshwa incuro ya mbere mu nkino z'igikombe c'isi.

Ubwo buhinga buzokoreshwa mu gufasha abahagarikizi mu kwirinda amakosa yo kerekana uwatsinze, na cane cane mu kwemeza igitego, penalite canke mu gutanga ikarata itukura.

Ubwo buhinga bwa VAR buramaze kugeragezwa mu Bwongereza, mu Budagi no mu Butaliyano.

Ubwo buhinga bwageragejwe ubwa mbere mu gikombe c'isi c'imigwi yabaye iya mbere iwabo mu kwezi kwa cumi na kabiri mu 2016.

Umutekano

Uburusiya bushaka gutunganya iryo higanwa ata gatosi inyuma yo gutsinda Ubwongereza, Espagne, Portugal n'Ububiligi mu guhiganirwa gutunganya izo nkino.

Ni ubwa mbere Uburusiya butunganije izo nkino.

Abakunzi b'umugwi w'Ubwongereza 10.000 ni bo vyitezwe ko bazoja mu Burusiya, ariko bamwe bashobora kutajayo kubera ukutarabana ryiza hagati y'ivyo bihugu bibiri hamwe n'amakenga k'umutekano.

Harabaye itana mu mitwe hagati y'abarorerezi b'abarusiya hamwe n'abo Ubwongereza igihe ivyo bihugu vyahura mu rukino rwabereye i Mareseille rwa Euro 2016.

Imidurumbanyo kandi yaradutse hagati y'abakunzi b'imigwi y'Ubwongereza, Uburusiya n'Ubufaransa .