Inyabu ishaka gusubirira Paul le poulpe yerekanye uwutsinda hagati y'Uburusiya na Arabia Saudite

Achilles the psychic cat

Ahavuye isanamu, Reuters

Inyabu imwe rurangiranwa bivugwa ko ubuhinga yisangije wo kumenya ibiza kuba yerekanye uwuza gutsinda mu rukino rwa mbere rw'igikombe c'isi mu Burusiya.

Nk'uko iyo nyabu yiswe izina rya Achilles ivyerekana, Uburusiya ni bwo buza gutsinda muri urwo rukino.

Achilles, inyabu yera itumva, itora uwuza gutsinda ikoresheje amabakure abiri arimwo amabendera y'ibihugu.

Iyo nyabu n'imwe muzororwa kugira zituze imbeba ku cibutso ca Hermitage mu gisagara ca St Petersburg, n'aho ubu ifise ico kindi gikorwa gishasha.

Iyo nyabu yerekanye ibiva muri urwo rukino ku wa gatatu.

Ahavuye isanamu, AFP

"Achilles ariteguriye gukoreshwa ari mu bantu kandi nta n'ingorane afise igihe ari mu bantu benshi," ni ko umuganga w'ibitungwa Anna Kondratyeva asanzwe ayitunze avuga.

Ahavuye isanamu, AFP

Iyo nyabu iriko irasubirira mu kibanza Paul le poulpe yamenyekanye cane inyuma yo kwerekana uwuza gutsinda mu nkino z'igikombe c'isi mu 2010, mu nkino ziriko ziteguwe kubera mu gihugu c'Uburusiya.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Paul yari yavukiye mu Bwongereza ariko mu nyuma yimurirwa mu Budagi

Yaratoye ingene inkino zose zizogenda z'Ubudagi muri Afrika y'epfo, no mu nyuma aratora ko Espagne ari yo izpstinda. Kubera kumenya ko Espagne batahukana intsinzi, yahawe ubwenegihugu bw'igisagara kimwe co muri Espagne.

Inyuma y'inkino z'ico gikombe c'isi , Paul le poulpe yagaragaye kuri video ashaka ko Ubwongereza ari bwo bwotunganya inkino z'igikombe c'isi co mu 2018.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Paul yarerekanye ko Espagne iri izotahukana intsinzi mu 2010

Ivyo yerekanye ntivyabaye kuko Uburusiya ni bwo bwatsindiye gutunganya izo nkino.

Paul yapfuye mu kwezi kwa cumi mu mwaka wa 2010, apfuye bisanzwe nk'uko n'ikigo ca Oberhausen mu gihugu c'Ubudagi.

Abandi bavuga ibizoba

Hari ibindi bikoko bashizwe ahagaragara bivugwa ko bifise ubushobozi bwo gusubirira Paul, harimwo ingurube.

Hariho kandi n'ifi yitwa Piranha Pele yo mu Bwongereza.

Ariko nta na kimwe muri vyo camenyekanye cane nka Paul le poulpe.

Amasengesho

Kare cane ku wa gatatu, uwurongoye ishengero y'aba orthodoxe mu Burusiya, ishengero rifise abayoboke benshi mu Burusiya, musenyeri mukuru Kirill yavuze ko aza gusabira abarusiya kugira baze gukina neza.