Mo Salah ngo ntazohara mu kibuga kuwa 5

Mo Salah

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Mohamed Salah (agira 3 uvuye ibubanfu) yinjirije ibitego 44 Liverpool mu nkino zo mu 2017-2018

Umukinyi wa Misiri Mohamed Salah, ubu biritezwe ijana kw'ijana ko atazohara mu rukino rwo ku munsi wa gatanu ruzohuza igihugu ciwe na Uruguay mu muji wa Yekaterinburg.

Mohamed Salah w'imyaka 25, amaze igihe adakina kuva aho akwashukiye mu rutugu mu rukino rwahuza umurwi akinira wa Liverpool na Real Madrid mu gikombe ca Champions League kuwa 26/05/2018.

Cuper yagize ati: 'Nagomba kubizeza 100% ko azokina, ari n'ivyohinduka ni ukuvyitega ku munota wa nyuma'.

Buzoba bubaye ubwa mbere Misiri ija mu gikombe c'isi mu myaka 28 iheze.

N'umukinyi w'inyuma Ali Gabr ashobora kuzoba ameze neza inyuma yo gukunguka mu maso igihe yariko arimenyereza.

Hagati aho vyitezwe ko Uruguay igena abakinyi bo hagati bakiri bato cane, uwo nawe ni Rodrigo Bentancur akwije imyaka 20 hamwe na Nahitan Nandez afise 22.

Ariko si aho gusa bakomeye, bafise n'abo bashobora gushira mu kibanza c'abasatirizi nka Luis Suarez and Edinson Cavani.

Iyindi migwi yo mu muce A ni Uburusiya na Arabia Saudite itanguye urukino rwa mbere rw'iki gikombe c'isi mu kanya.