Burundi: Ihayanishwa ry'amahinguriro yo muri Afrika y'ubuseruko

Abaserukiye ikawa y'isosiyete Arfic mu Burundi
Image caption Abaserukiye ikawa y'isosiyete Arfic mu Burundi

Mu Burundi hatanguye kuva kuri uno wa kane ihuriro-hayanishwa ry'amahinguriro ry'iminsi itatu rihuza amahinguriro yo mu karere ka Afrika y'ubuseruko.

Iri huriro ni ubwa mbere ribaye mu Burundi, ritunganjijwe mu gihe, amahinguriro yo mu Burundi n'amasosiyete ahanzwe n'ikibazo c'ubukene bw'amafaranga y'agaciro.

Ivyo bituma atoroherwa mu kuja kurondera ivya nkenerwa bikoreshwa mu guhingura ivyo adandaza.

Mu gihe amahinguriro yo mu Burundi atarashikira urugero rw'ayo mu karere, iri hayanishwa risa nkuko rije kuyaha izindi nguvu kugira ashobore guhangana n'ayo mu bindi bihugu.

Olivier Suguru arongoye ishirahamwe ry'amahinguriro ryo mu Burundi AIB avuga ko akarusho ari kanini :

« Iri hayanishwa rizotuma ibihingurwa n'amahinguriro yo mu Burundi bishobora kumenyekana cane mu Burundi no mu karere ka Afrika y'ubuseruko.

Bizotuma kandi abafise amasosiyete bo mu karere bahura n'abarundi kugira barahuriranire ubwenge n'ubumenyi », nikwo asigura.

Bimwe mu bihingurwa n'amasosiyete yo mu Burundi hagaragaye cane umutobe, ikawa, amatara matomato na manini(ampoule na tube), ibikoresho bikora ibitabo, ibidodo, amatafari ya kijambere, ibikorwa n'ama sosiyete ya assurance, n'ibindi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Joshua Nyarunda aturuka mu gihugu ca Kenya, yaserukiye ihinguriro «Sony technical services»

BBC yavuganye na bamwe mu banyamahanga nka Joshua Nyarunda aturuka mu gihugu ca Kenya aserukira uruganda «Sony technical services» rufise abahinga bateye imbere mu vyo kwubaka amahinguriro.

« Twaje aha ngaha kugira twereke abanyamitahe bo mu Burundi ubuhinga dufise bwo kwubaka.

Nkuko mu bibona aho ku mafoto turubaka inganda zitanga umuyagankuba, turubaka amahinguriro y'ubwoko bwinshi.

Twizeye ko abategetsi b'uburundi bagiye kuturonsa ikibnza kugira dutangura gufasha abanyamitahe b'abarundi », nikwo umuhinga Joshua asigura.

Imurikagurisha mu gisagara ca Bujumbura

Abandanya agira ati : « nitwaronka ikibanza co gukorera ngaha uburundi buzohungukira vyinshi kubera tuzotanga ikori twongere duhe ubumenyi abarundi ».

Amahinguriro yo mu Burundi asanzwe yinjiriza uburundi hafi ibice 10 kw'ijana vy'amafaranga reta yinjiza ku mwaka. Ayo mafaranga reta ikabona ko adakwiye.