Urukino rwa mbere rw'igikombe c'isi : u Burusiya 5 – 0 bwa Arabiya Sawudite

WC 2018

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Uru rukino rw'igikombe c'isi rutanguye rufise insiguro nyinshi no mu mibano y'isi

Ibikuru bikuru biranga iyi mirwi ibiri yuguruye uru rukino rw'isi : u Burusiya na Arabiya Sawudite.

Uyu murwi w'u Burusiya, wagarukanye Sergei Ignashevich.

Uwu mukinyi w'umuhinga mpuza makungu yari yarakukurutse. Akwije imyaka 38.

Umukinyi Aleksandr Kokorin, akomeye cane, ntiyashoboye kwitaba uru rukino kuko yakomeretse mw'ivi.

Icizere kinini, umurwi w'u Burusiya ugifise kuri Fedor Smolov.

Juan Antonio Pizzi, umumenyereza w'umurwi wa Arabiya Sawudite, afise ibibazo vy'abo ahitamwo nk'abakinyi.

Aha ni nko hagati ya Mohammed Al-Sahlawi na Muhannad Assiri.

N'iyihe migisha canke icizere imbere y'uko uru rukino runatangura?

Iyi mirwi ibiri itanguye ibonwa ko atari imirwi ikomeye, kugutanguza inkino nk'izi.

Kimwe n'uko, nk'uyu murwi w'u Burusiya, ata nkino mpuza makungu zo kurushanywa waheruka mwo.

Niko warabaye mu mirwi y'isi ikomeye, ariko ni kera, mu myaka ya 1970.

Ikindi, n'uko, no munkino zamenyekanye zishika kuri indwi waheruka gukina, ata na rumwe wigeze utsinda.

Arabiya Sawudite wowo, naho mu nkino waheruka mwo zawuhuje n'ibihugu nka Itali, Peru canke u Budagi, warifashe neza.

Ariko na Arabiya Sawudite, mur'ibi bihe, si umurwi ukomeye uravye imirwi ihiganwa mur'iki gikombe c'isi.

N'ubwa mbere babonetse cane mu nkino, kuva mu 2006. Mu ma rushanwa atatu yanyuma bagiye mwo, batsinzwe incuro indwi.

Umurwi wakiriye inkino z'isi -uno munsi, u Burusiya-, ntiwari bwigere utsindwa mu rukino rutangura.

Bugatsindwa, buzoba bubaye ubwa mbere. Ikindi n'uko, kugira buzogume mu mirwi 16 izokina inkino za nyuma, hoho gica kiba ikibazo.

Ivyaranze imirwi yatunganije igikombe c'isi

U Burusiya

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Abashigikiye umurwi w'u Burusiya

  • Kuva isenyuka ry'ubumwe bw'ibihugu vyari bigize u Burusiya kera, iki gice c'u Burusiya ni ubwa mbere bashitse mu rwego nk'uru rw'inkino z'isi yose (1994, 2002, 2014).
  • U Bufaransa bwabaye ubwanyuma bwatunganije uru rukino rw'isi, runatahukana intsinzi mu 1998.
  • Gushika ubu, u Burusiya bwaratsinzwe mu nkino nkino 5, mu gikombe c'isi bwakinye mwo.
  • Sergei Ignashevich niwe mukinyi akurira abandi -imyaka 38 y'amavuka-.

Arabiya Sawudite

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Abashigikiye umurwi wa Arabiya Sawudite

  • Uru rukino rw'isi ni urwa gatanu kuri Arabiya Sawudite. Ariko ni urwa mbere kuva mu 2006.
  • Mu nkino z'igikombe c'isi zanyuma bakinye, batsinzwe incuro 10.
  • Ntibarigera batsinda na rimwe mu nkino z'ibanze, mur'izi nkino z'igikombe c'isi.
  • Mu nkino za nyuma bakinye mu gikombe c'isi, batsinzwe incuro 8 n'imirwi y'aba nya bulaya. Mu 2014, barashoboye gustinda u Bubirigi, 1-0.