Maroc irondera kwakira ihiganwa ry'igikombe c'isi ryo 2030

King Mohammed VI of Morocco Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption King Mohammed VI of Morocco wants the nation to make a sixth bid to host the World Cup

Umwami Mohammed VI w'igihugu ca Maroc yategetse igihugu guhiganigwa kwakira ihiganwa ry'igikombe c'isi yose mu mupira w'amaguru ryo 2030 inyuma yaho kinaniriwe iryo mu 2026.

Ivyo bimenyeshejwe inyuma yaho igihugu kiburiye amajwi akwiye kirondera kwakira ihiganwa ryo mu 2026, ryatsindiwe n'urunani rugizwe na Amerika, Canada na Mexique.

Uwuri muri komite y'ihiganwa ryo mu 2026, Moncef Belkhayat niwe yemeje ayo makuru.

"Ndanezerejwe ko umwami Mohamed VI yafashe ingingo ko Maroc ihiganwa kwakira igikombe c'isi co mu 2030," niko yavuze.

"Bino vyerekana ko Maroc ari igihugu gikorera ku mugaragaro, cihangana kandi gifise ivyo gishira imbere nk'ibindi bihugu vyo kw'isi, mu gutuma umupira w'amaguru kiba igikoresho mu kurondera iterambere no mu kuzamura ubutunzi.

"Vyerekana ingene tudahengeshanya gukora ku neza ya Maroc hamwe n'iy'isi yose mu mupira w'amaguru."

Buzoba bubaye ubwa gatandatu Maroc irondera kwakira igikombe c'isi yose inyuma yaho inaniriwe ico mu 2026, 1994, 1998, 2006 n'i 2010.

Ku munsi wa gatatu Maroc yararushijwe ku majwi 65, urunani rwa Amerika, Canada na Mexique ruronse 134.

Ibindi kuri iyi nkuru

Imihora ya Internet bijanye

BBC ntibazwa ibivuye mu mguga zitari izayo