Umunyeshuli afatwa nka Pogba yavyungukiyemwo

Efeme Temienor (i buryo) yifata "selfie" ari kumwe na Paul Pogba
Image caption Efeme Temienor (i buryo) yifata "selfie" ari kumwe na Paul Pogba

Umusore ari mu mashuli yisumbuye mu mwaka wa gatandatu abantu babona ko asa n'umukinyi rurangiranwa w'Ubufaransa Paul Pogba yavyungukiyemwo.

Efeme Temienor aheruka kubwigwa na bagenziwe hamwe n'abo mu muryango ko asa cane n'uwo mukinyi rurangiranwa.

Nta muntu yashobora kwiyumvira agaciro k'ukwo gusa, katumye Efeme asabwa kuja mw'imenyekanisha ry'ibidandazwa rya Adidas munyuma akarihwa.

Uwo musore w'imyaka 17 yavuze ko azokoresha amahera yahawe mu kuriha ivyigwa vya kaminuza yipfuza kujamwo.

Efeme, asanzwe akina umupira w'amaguru, yiga kw'ishuli "Christ the King" waka wa gatandatu, ishuli ry'abagatolika riri henshi mu gisagara ca Londres.

'Na mama avuga ko nsa nawe'

Yasabwe kuja Manchester hamwe na Madrid gufata amashusho y'imenyekanisha ry'ibidandazwa, aho yashoboye guhura na Pogba ubwiwe.

Yavuze ko atashatse kwerekana ko atangaye mu kuba abonanye n'uwo mukinyi rurangiranwa.

Efeme avuga ko yipfuza gukoresha ivyo yaciyemwo hamwe n'amahera yaronse mu kwiteza imbere.

"Naramenye ko ntegerezwa kugira ico nkoresheje kano karyo. Sinipfuza ko biba gusa ngo "nagize ibi," niko avuga.

Ariko vyahatswe gato ngo ntaje muri iyo video yo kumenyekanisha ibidandazwa.

Hari haheze umwaka arondewe n'ikigo co kumenyekanisha ibidandazwa ngo akine Pogba.

"Na mama wanje yavuze ko nsa nawe," niko avuga.

Ariko se yahavuye amubuza kuja gufatwa ayo mashusho, amusaba kubanza gushira inguvu ku kibazo ca GCSEs.

Ariko igihe ihiganwa ry'igikombe c'isi yose gishikiye, yaciye aronka akaryo ko kubikora munyuma asanga ni rurangiranwa kw'ishuli, igihe abantu batanguriye kubona iryo tangazo ry'ihayanishwa.

"Umwumwe wese yarandaba. Nibaza ko ata muntu numwe yantegera igihe ndababwiye ivy'iryo tangazo."

Ibindi bisa n’ibi