Canada yarekuye gutumura akamogi ku mugaragaro

Inama nkenguzamateka yaremeje iryo tegeko ku majwi 52 kuri 29

Ahavuye isanamu, AFP/Getty

Insiguro y'isanamu,

Inama nkenguzamateka yaremeje iryo tegeko ku majwi 52 kuri 29

Igihugu ca Canada kibaye ica kabiri kw'isi cemeye ko abanyagihugu bavyipfuza bashobora gutumura akamogi mu gihugu cose.

Inama zijejwe amateka muri Canada zemeje itegeko rishasha riha abanyagihugu uburenganzira bwo gutumura akamogi.

Iryo tegeko rijanye na "Cannabis" ryarenganye inzitizi yari isigaye ku munsi wa kabiri, igihe c'amatora yo mu nama nkenguzamateka aho ryemejwe n'abakenguzamateka 52 kuri 29 batarishigikiye.

Muri iryo tegeko harasiguwe ingene ico gitegwa gishobora kurimwa, guhererekanwa no kugurishwa.

Abanya Canada bashobora kuzofata akamogi babirekuriwe n'amategeko, kuva mu ntango z'ukwezi kw'icenda.

Ico gihugu kibaye ica kabiri kw'isi kirekuye gufata akamogi kibicishije mu mategeko, igihugu ca Urugway kikaba arico cabaye ica mbere kurekurira abanyagihugu gufata akamogi ku bavyipfuza mu kwezi kwa 12 mu 2013.

Hari n'intara nyinshi zo muri Amerika nazo nyene zemeje ugufata ico catsi ku mugaragaro.

Ahavuye isanamu, Press Association

Insiguro y'isanamu,

Hari ibizoguma bibujijwe ku bijanye n'urumogi muri Canada

Mu 1923 gufatanwa "cannabis" cari icaha, munyuma gukoresha ico catsi mu buvuzi vyemezwa n'amategeko kuva mu 2001.

Iyo nteguro y'itegeko izoshigwako umukono n'umwami muri ino ndwi, munyuma leta itore umunsi iryo tegeko ryotangura gukorerako.

Umushikiranganji wa mbere Justin Trudau yanditse ku buryo bwa Twitter avuga ko gushika ubu, "vyari vyoroshe ngo abana baronke "marijuana" - inkozizikibi nazo zikahatorera akoyoko".

Ni igiki kizobandanya gihanwa n'amategeko?

Kizoba ari icaha ufatanywe amagarama arenga 30 ya cannabis, gutera imivyaro irenga ine ku rugo rumwe, canke kuyigurira ku muntu atemewe n'amategeko.

Ahavuye isanamu, AFP/Getty

Insiguro y'isanamu,

Ingene urumogi ruzogurishwa, aho ruzotumurigwa, bizoshingwa n'intara imwimwe

Hazoba hari ibihano bikomeye. Nk'umuntu azofatwa agurishije ico kiyovyabwenge ku mwana, ashobora kuzohanwa n'igipfungo c'imyaka 14.

Abatabivugako rumwe bavuga ko ivyo bihano bikomeye cane, ko bitaringaniye n'ibitegekanijwe iyo ugurisha inzoga zikaze ku bana.

Amategeko yifashe gute kw'isi ku bijanye n'ico gitegwa?

Cannabis yarihanikijwe mu bihugu vyinshi, ariko hari ibihugu bitari bike bitagifata abayitumura nk'abari mu caha.

Igihugu c'Ubwongereza giheruka kumenyesha ko kigiye kwihweza ukuntu ico gitegwa coza kirakoreshwa mu buvuzi.

Hari ibihugu 14 vy'i Buraya vyemeye ikoreshwa ryaco mu buvuzi hamwe n'ibindi bihugu nka Israeli, Argentine, Porto Rico, Panama, Mexique, Turquie, Zambie na Zimbabwe.

Muri Amerika, gukoresha urumogi mu buvuzi birekuwe mu ntara 29 hamwe no muri komine ya Columbia - intara icenda zikaba zimaze kwemeza ikoresha ryarwo haba mu buvuzi canke kuri uwo wese yipfuza kurutumura.

Ibihugu vya Espagne, Holland, Portugal, Slovénie, Jamaique, Chili, Pérou, Colombie, Equateur, Luxembourg hamwe n'uduce two mu Buhindi ni bimwe mu bihugu bitagifata nk'icaha ugutumura akamogi.