Caster Semenya: kimwe, yarahiye ko atazosiganwa n'abagabo

Caster Semenya Uwufise ububasha kw’isanamu Michael Dodge
Image caption Caster Semenya afise imidari y'inzahabu mu gusiganwa mu nkino harimwo na za mpuza makungu

Caster Semenya, umuhinga mu nkino mpuza makungu akiri n'uwambere mw'isi mu bagore basiganwa m 800, ariko ararwanya amategeko mashasha agenga abanonotsi b'abagore, avuga ko "arimwo akarenganyo".

Ishirahamwe mpuza makungu rijejwe intwaro n'amategeko y'ivy'abanonosti mw'isi, yaraye ihinduye amategeko:

Abanonotsi bamwe bamwe bafise indanga kamere z'abagore zegereye kamere bugabo-testosterones-, bazohora basiganwa n'abagabo.

Ivyo biri uko, kiretse bahinduye ivyo bahora bahiganwa mwo, canke bemeye kwivuza.

Semenya azorwanya iyo ngingo muri sentare y'ivy'inkino (Cas).

Uyu mugore Semenya yamuka muri Afrika y'epfo, akwije imyaka 27, yavuze ati "Harimwo akarenganyo. Jewe nipfuza guhiganwa bisanzwe, nkurikije uko navutse".

"Jewe ndi Mokgadi Caster Semenya. Ndi umugore anyaruka".

Iri tegeko rigiye gukurikizwa kuva itariki 1 y'ukwa cumi na rimwe, riraba abagore basiganwa kuva ku m 800 gushika ku m 1600.

Semenya, yatsindiye incuro zibiri inkino zo guhiganwa -Olympic-, anafise n'umudari w'inzahabu incuro zitatu, mu mahiganwa y'isi.

Yaheruka gusabwa kugira ibipimo vy'igitsina ciwe -gender testing-, ariko ivyavuye mur'ivyo bipimo ntivyigeze bimenyekana.

'Testosterone' ni imisemburo itanga ubushobozi n'ibimenyetso bugabo.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Semenya arahira kuzokwiruka hamwe n'abagabo

Ibi bimenyetso ni nk'ingene imitsi n'amagufa biremye, canke inguvu ziranga umuntu.

Abashingwa manza Norton Rose Fulbright nibo bari imbere mu mburano za Semenya, i Lausanne mu gihugu c'ubu Swise, ahabera imanza nk'izo.

Bavuze bati: "Semenya, nk'abandi banonotsi, ararekuriwe guhiganwa yubahirijwe muri kamere k'ingene yavutse. Nt'ashobora gutegekwa guhindura umubiri wiwe akoresheje imiti".

Sentare "CAS" nayo yamenyesheje ko urwo rubanza rwakiriwe, ruzokwumvirizwa kw'italiki izomenyeshwa hanyuma.